I. Ukudafata kumwe abanyororo biraraje ishinga abaharanira agateka ka zina muntu. Ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ririyamiriza ubutungane budatunganiriza bose. Mu cegeranyo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uyu wa kabiri, umushingwamanza Jean Claude Ntiburumusi ajejwe igisata c’amategeko amenyesha ko igice c’abanyororo babangamiwe ari abasanzwe bikekwa kuba batavuga rumwe na leta, gushika naho bamwe muri bo baheza umunyororo baciriwe ariko bakagumizwa mw’ibohero.
II. Umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyesha ko uwahoze ari umukuru w’igihugu Pierre BUYOYA aherutse kuryamira ukuboko kw’abagabo ataco leta y’Uburundi yategerezwa kumuvugako mu gihe bizwi ko yaciriwe urubanza ku vyaha yagirizwa. Evariste NDAYISHIMIYE yabishikirije mu kiganiro yahaye abanyagihugu abicishije ku ma radiyo atandukanye. Evariste Ndayishimiye akaba yishuye no ku bindi bibazo birabana n’ubuzima bw’igihugu, aho yasubiye kwemeza ko mu Burundi ata kiza c’umugera wa corona kiriho, mbere ngo n’abazungu batanguye kuhasaba ubuhungiro.
III. Abantu babiri barafashwe kuri uno wa mbere n’igipolisi ku murwa mukuru w’intara ya Makamba, bagirizwa ubusuma bw’imiti ku bitaro bikuru vy’I Makamba. Umwe muri abo baraye bafashwe, akaba ari imbonerakure isanzwe ikora kuri ivyo bitaro.
IV. Umukuru w’umutumba Gishiha wa zone Maramvya, ya komine Burambi mu ntara ya Rumonge, yaraye yishwe arashwe n’abantu bataramenyekana, bamurashe bamusanze ku rugo iwe. Abajejwe intwaro muri komine Burambi no ku rwego rw’intara ya Rumonge, baremeza aya makuru. Abanyagihugu bo mu Maramvya bakaba batekewe n’ubwoba kubera ivyo bitero vy’abitwaje ibirwanisho.
V. Abagura n’abagurisha ibibanza muri karitiye ya Buterere ya 2 B muri komine ya Ntahangwa, bariyamiriza ivyo bita igiturire batozwa imbere yo kuronswa impapuro zemeza ubuguzi. Umwe muri abo yemeza ko yasabwe ku nguvu amafaranga ibihumbi amajana abiri, n’uwugurisha ukwo nyene kandi ata na hamwe ayo mafranga yanditswe mw’itegeko. Bakadoma urutoke ku bajejwe intwaro ko ari bo bafata iya mbere mu kuyatoza.