Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/01/2021

Publié le 1 janvier 2021 par Rédaction
I. Amahera yinjira mu kigega ca leta c’Uburundi yariyongereye mu mwaka wa 2020 twaraye dusozereye, ku bice 7 kw’ijana. Ivyo biri mw’ijambo  ryo kwipfuriza abarundi umwaka mushasha wa 2021, ryaraye rishikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Kubwiwe ivyo vyashitsweko kubera habaye ukugwanya bimwe biboneka urudandazwa rwa magendu, hamwe no kugwanya abarya ibiturire.
II. Abanyagihugu bo mu ntara ya Rumonge baridoga ko bitaboroheye guhimbaza imisi mikuru irangiza umwaka, kubera ubukene barimwo. Ibiciro vy’ibifungurwa vya nkenerwa navyo vyaraduze, cane cane mu gisagara ca Rumonge. Bagasaba ko abikika mu kiza  baduza ivyo ibiciro boza barahanwa.
III. Iyo myidogo iri no mu banyagihugu baba ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga biturutse kw’iduzwa ry’ibiciro vy’ibinyobwa vya Brarudi, bikika mu kiza kubera ibihe vy’umwaka mushasha. Abo banyagihugu bakavuga ko ivyo biri uko mu gihe bugarijwe n’ubukene.
IV. Abantu babiri barapfuye ku mugoroba wo kuri uyu wa kane ku mutumba Mwange Zone Kizuka, Komine Rumonge yo mu ntara ya Rumonge. Amakuru ava muri iyo ntara avuga ko abo bantu bishwe n’imvubu aho bita ku mashuha, ari aho nyene ku mutumba wa Mwange. Ayo makuru yemeza ko hampande y’abo bapfuye, umwe yakomeretse akaba ariko aravurirwa ku bitaro vya Rumonge.
V. Mu rukurikirane mu makuru twabashikirije ku bijanye n’imyidogo y’igice c’abakozi bakorera ku bitaro vy’ i Makamba, turagaruka ku bihano bitandukanye, kubafatwa bagirizwa ivyaha, bivanye n’ivyiyumviro vyabo vya politike. Abari mu mugambwe CNDD-FDD baronka ibihano bito bito, mu gihe abatari muri uyo mugambwe baca birukanwa. Abo bakozi bakiyamiriza akarenganyo mur’ivyo bitaro kagirwa n’ababirongoye, cane cane umuyobozi ajejwe intwaro n’ubutunzi hamwe n’umuyobozi w’ibitaro.

Ibindi bisa n'ibi