Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 02/01/2021

Publié le 2 janvier 2021 par Rédaction
I. Hari ikiziga c’umuntu w’umugabo kicibonekeza ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika ku ruhande rw’umutumba Mwange, zone Kizuka, muri komine n’intara ya Rumonge. Uwo muntu yishwe n’imvubu ku musi wa kane. Bikavugwa ko iyo mvubu yagumye hafi y’ico kiziga. Ababa muri ivyo bice bagasaba ko hogira igikorwa, kugira ngo ico gikoko gikurweho kitarasubira kwiha inkumbi.
II. Abanywanyi babiri b’umugambwe CNL barafashwe ejo muri zone Magara mu ntara ya Rumonge. Bagirizwa gukorana n’imigwi ihungabanya umutekano. Mu miryango yabo bakaba bavuga ko ari irementanya bariko baragirirwa.
III. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura asaba abajejwe intwaro bose kumenyesha abo barongoye, ko habonetse amakaye y’ingo mashasha mu ma komine yose agize umurwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura. Komiseri Jimmy Hatungimana amenyesha kandi ko ayo makaye azokoreshwa mu kiringo kirenga umwaka. Tubibutse ko abanyagisagara baheruka gushikiriza kuri radio Inzamba ko igurishwa ry’ayo makaye ari ubusuma bweruye buriko burakorwa n’abarongoye igisagara ca Bujumbura.
IV. Ukworora ibitungwa, ni kimwe mu bituma bamwe mu mpunzi z’abarundi bari i Mahama mu gihugu c’Urwanda biyungunganya bagasahiriza imiryango. Umwe mur’izo mpunzi yorora ingurube arigana ingene yabitanguye n’ico bimufasha.
V. Uno musi, ikigabane «Kw’isôko» kigaruka ku nsiguro ihimbazwa ry’umunsi mukuru w’umwaka mushasha rifise mu muryango w’umurundi.

Ibindi bisa n'ibi