I. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aherutse kumenyesha ko abanyororo bari mu mabohero bagiye kwiga ingene botezurirwa. Ishirahamwe rukristu ryishinze kurwanya ugusinzikariza ubuzima kiremwa muntu ACAT-Burundi rirashimishwa n’ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu. Kubw’iryo shirahamwe bafise amakenga ko abenshi mu bapfungiwe ivyaha bifitaniye isano na politike, bazohava badashikirwa n’iyo ngingo, kuko benshi muri bo imanza zabo zitaracibwa ngo zibe ntabanduka. Asaba abajejwe gushira mu ngiro ivyavuzwe n’umukuru w’igihugu ko botunganiriza bose, ata mwana n’ikinono.
II. Ubwicanyi bukorerwa abanyagihugu bukisubiriza ngo n’ingaruka mbi y’intwaro mbi yaboheye amaboko i mugongo ubutungane bwabwo. Ivyo n’ibishikirizwa na Chauvineau MUGWENGEZO, umwe mu ndongozi z’urunani CFOR-Arusha ruhurikiyemwo bamwe mu batavuga rumwe na Leta.
III. Chauvineau MUGWENGEZO asaba leta ya CNDD-FDD gukora uko ishoboye, abantu ntibasubire gupfa bazira ubusa. Tubibutse ko abantu batandatu bari mu muryango umwe bagandaguwe mu ntara ya Karusi i Buhiga, imodokari zibiri ziterwa imitego y’abantu bitwaje ibirwanisho, abantu batanu barahasiga ubuzima.
IV. Birababaje kubona abantu bagandagurwa ntihaboneke amatohoza abereye ashirwa mu ngiro, nk’uko amategeko abitegekanya. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Vital NSHIMIRIMIRIMANA, arongoye urunani rw’amashirahamwe FORSC. Ku bwiwe Leta ikwiye kubahiriza ikorwa ry’amatohoza hisunzwe uko amategeko abivuga, akanakorwa n’abajejwe ubutungane.
V. Bamwe mu banyagihugu bo muri komine Busoni, intara ya Kirundo, barageramiwe n’inzara. Barasaba leta kubaronsa infashanyo. Kuva mu kwezi kw’icumi, umwaka wa 2020, imitumba itari mike y’iyo komine irageramiwe n’uruzuba rwononye imirima nka yose. Abanyagihugu batari bake bihebuye bariko bahungira mu ntara za Muyinga na Ruyigi kuronderayo akazi, bashobore gutunga imiryango yabo.