Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 16/10/2019

Publié le 16 octobre 2019 par Rédaction

Kwubahiriza agateka ka muntu mu gihe c’uruja n’uruza rw’abantu no guteshwa izabo nico gikoranije intumwa z’ ishirahamwe ry’Africa n’intumwa z’ishirahamwe rya bulaya mu nama yabo igira icenda. Iyo nama iriko irabera i Banjoul mu gihugu ca Gambiya ikaba yatumiwemwo n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Uburundi bukaba bwaserukiwe n’ishirahamwe ACAT BURUNDI.

Mur’iyo nama igira icenda n’akaryo kadasanzwe ku mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike akurikiranira hafi ibijanye n’uruja n’uruza, n’ uguteshwa izabo kunguvu, gusaba ubuhungiro. Ikindi n’uko iyo nama igira icenda, ari ikimenyetso c’umwaka wambere wogushira mu ngiro umugambi waguye w’amakungu wo gushigikira impunzi mu bihugu bahungiyemwo. Ikibazo c’impunzi z’abarundi bahungiye mu makambi yo muri Tanzaniya kikaba cashikirijwe mur’iyo nama.

Uburundi, cokimwe n’ibindi bihugu kw’isi bwahimbaje kur’uyu wa gatatu igenekerezo 16 gitugutu, umunsi mpuzamakungu wahariwe imfungurwa. Mw’itangazo rya leta y’Uburundi ryasomwe n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Deo Guide RUREMA yemeza ko uyu munsi ushitse mu gihe Uburundi bwashitse ku ntambwe yo kwimbura bishimishije ari naco gituma abanyagihugu atakibazo co gufungura bafise muri kino gihe.

Faustin NDIKUMANA umuhinga muvy’ubutunzi si uko abibona. Ikibazo co gufungura ngo kiracari mu bihanze igihugu kuko ngo ibitigiri bihari vyerekana ko mu Burundi kudafungura neza vyama biri hejuru y’ibice 50 kw’ijana. Kubwa Faustin NDIKUMANA, ngo abafata ingingo bategerezwa gushira inguvu mu burimyi buronke ivyangombwa, ibibonetse navyo bigahingurwa kugira bikoreshwe naho biba vyabuze.

Igisata c’ikawa cahomvye kubera inda ndende za bamwe ku bari ku butegetsi. S’ibisata biri mu minwe y’abikorera ivyabo biriko birahomba gusa, n’amwe mu mashirahamwe asanzwe ari mu minwe ya leta agira yugare kubera guhomba. Bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, n’inyuma y’aho umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema ashikirije kur’uno wa kabiri ko igisata c’ikawa kigira gisubizwe mu minwe ya leta kuko amahera y’agaciro atacinjira uko biri.

Ukutihanganiranira mu vya politike vyabaye ndanse mu ntara zitandukanye z’igihugu aho muri iyi ndwi turimwo habomowe ingoro z’umugambwe CNL mu ntara zitandukanye z’igihugu. Aha tukavuga nko mu ntara ya Kirundo muri komine Gitobo, mu ntara ya Karusi mu ma komine ya Mutumba na Buhiga no mu ntara ya Cibitoke. Ivyo bikaba bikorwa n’urwaruka rw’imbonerakure.

Amasezerano yo gufashanya hagati y’igipolisi c’Uburundi n’ica Tanzaniya yemerera igipolisi icarico cose gukurikirana inkozi z’ikibi gushika mu kindi gihugu; ngo n’amasezerano asiga ubwenge. Uko niko Richard Hagabimana; yahoze ari intwazangabo mu gipolisi c’uburundi abibona. Abona ko ari irementanya kugira baremeke inteba ishushe impunzi z’abarundi mu ntumbero yo kuzitahukana ku nguvu.

Muri rya sekeza ryo gusigura amasezerano yerekeye agateka ka zina muntu ku mugabane wa Afrika; uno musi turabirahamwe ivyerekeye ingingo ya 46 n’izikurikira. Hakaba harimwo ivyerekeye ingene umurwi ujejwe agateka ka zina muntu muri Afrika ugira amatohoza. Tubibwirwa n’umushingwamanza Cyriaque Nibitegeka ari mu runani CAVIB.

Ibindi bisa n'ibi