I. Abantu 40 nibo batowe Covid-19 mu misi ibiri iheze mu gihugu c’Uburundi. Umushikiranganji w’amagara y’abantu Thaddée Ndikumana yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru aho amenyesha ko abazana ico kiza mu Burundi benshi bava hanze, baciye mu binywabi. Yasavye abarundi kubandanya bakurikiza amategeko y’isuku, kandi ko abatabikurikiza bagiye gufatirwa ibihano ruhasha.
II. Ubwicanyi mu gihugu muri ino misi busa n’ubwimonogoje, aho mu kiringo c’indwi imwe gusa hamaze kumenyekana abantu bishwe 14. Batandatu bagize umuryango umwe bishwe bacumiswe ibibugita, batanu bandi nabo baguye mu bitero vy’abitwaje ibirwanisho, babiri batowe ibiziga, uwundi umwe nawe yishwe acumitswe imbugita. Mu gipolisi no mu bajejwe intwaro bavuga ko bariko barakora amatohoza.
III. Abantu 39 ni bo bamenyekanye ko bagandaguwe, 3 baranyuruzwa, 12 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko na 13 basinzikarijwe ubuzima. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe rukristu ACAT-Burundi, co mu kwezi kwa 12 umwaka uheze. Abakekwa gukora ayo mabi, ngo n’urwaruka rw’imbonerakure hamwe na bamwe mu nzego z’umutekano. Augustin Nimubona ajejwe kumenyesha amakuru muri ACAT-Burundi.
IV. Imirimo yahagaze kw’ishure ryisumbuye ryo mu Kayanza kuri uno wa gatatu kuva isaha zine zo mu gatondo biturutse ku muhuza w’abarundi Edouard Nduwimana yararamutse aza gutanga imfashanyo ku miryango y’abatishoboye, harimwo ahanini abatwa.
V. Uruja n’uruza rwazindutse ruhungabana kw’ibarabara ry’igihugu inumero 5 ku mutumba Nyamitanga, zone Ndava, komine Buganda, intara ya Cibitoke. Ibarabara ryacitse biturutse ku mvura yaguye mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri. Abakoresha iryo barabaraba bakaba batorohewe mu mirimo yabo, bagasaba ko ryosanurwa neza.
VI. Abadereva bagendesha imodokari zunguruza abantu baridogera uwurongoye igipolisi muri komine ya Makamba Prospère Kazungu, aho bavuga ko abafata nabi akabaha ibihano birenze, naho haba agakosa gatoyi kakozwe.