I. Abantu 8 nibo baraye batowe ikiza c’umugera wa corona ku mugwa mukuru wa komine Mabanda kuri uwu wa kane. Nk’uko amakuru dukura mu bajejwe ubuvuzi abivuga, abatowe uwo mugera 6 muri bo n’abakozi b’Imana bo kuri paruwasi gatorika ya Mabanda hamwe n’abaforoma 2 bakora kw’ivuriro ryo ngaho mu Mabanda, aho bita kuri CORDAID. Ayo makuru ariko akemeza ko amagara yabo bose yifashe neza, kuko baje kubushake bwabo kwipimisha bafise ibimenyetso vya grippe isanzwe. Inyuma yaho batorewe iyi ndwara ya Covid19, buramatari w’intara ya Makamba Ngozirazana Françoise akaba yaciye asohora itangazo rihamagarira abajejwe intwaro gusubira guhimiriza abanyagihugu gukwirikiza amabwirizwa yatanzwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Agaheraheza avuga ko uwuzorenga kuri ayo mabwirizwa, azohanwa hisunzwe amategeko.
II. Umugwi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza ca Covid19 mu Burundi, wasohoye ingingo harimwo ko imbibe z’Uburundi zizoba zugawe guhera igenekerezo rya 11 za kuno kwezi ku bantu bose binjira mu Burundi kiretse abinjiza ibidandazwa, abaca ku kibuga c’indege ca Bujumbura nabo bakazotegerezwa kumara imisi 7 mu kibanza ca bonyene. Bivugwa na muganga Thaddée Ndikumana, icegera c’uwurongoye uwo mugwi.
III. Hari umukenyezi yagirizwa guturiza amazi ashushe umwana yakoresha ku mutumba Gitanga, wa komine Matana n’intara ya Bururi. Uwo mukenyezi yararekuwe mu nyuma asubira guhagarikwa kuri uyu wa kane. Mu muryango w’uwo mwana, bakaba basaba ko uwo mukenyezi yohanwa ntasubire kurekurwa.
IV. Utumwanya tutabora dutoduto turenga miriyoni 4 ni two twafatiwe mu micungararo y’igisagara ca Muyinga kuri uyu wa gatatu. Twafashwe n’uwujejwe iperereza muri iyo ntara, nkuko amakuru atandukanye radio Inzamba yaronse avyemeza.
V. Abarundi bahungiye i Mahama mu gihugu c’Urwanda barijukiye ibikorwa vyo kwiyungunganya. Aborozi b’inka, bavuga ko baronka amata baha abana babo n’ayo bashora. Ariko rero, bavuga ko badafise aho baragira ivyo bitungwa, kandi ko n’imiti y’ibitungwa izimvye.
VI. Kuri uno wa kane, ni ho umugwi CVR ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi washikiriza abashingamateka n’abakenguzamateka icegeranyo c’ivyo waranguye. Umukuru w’uwo mugwi Pierre Claver Ndayicariye akavuga ko ico gikorwa caranzwe ahanini no kurondera abahambwe mu binogo rusangi bishwe mu mwaka wa 1972. Uwurongoye uyo mugwi akavuga ko bahereye kuvyabaye muri uyo mwaka, ku kubera gutinya ko ivyabona bishobora kuzimangana.
VII. Musenyeri Jean Louis Nahimana yahoze ari icariho c’umwepiskopi mukuru wa Diyoseze ya Bujumbura yaritavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, aho yaragwariye mu gisagara ca Bujumbura. Yarazwi cane nk’uwarongoye ubwa mbere umugwi CVR, umugwi ujejwe ukuri n’ukunywanisha abarundi kuva mu 2014. Intumbero yiwe nyamukuru kwari gusubiza hamwe abarundi bose, hatagiyemwo kwihorana.