I. Umukenyezi w’imyaka 60 azwi kw’izina rya Joséphine Miburo, yaba ku mutumba wa Karemera, zone Munagano, muri komine n’intara ya Muyinga, yaraye yitavye Imana akubiswe n’inkuba, aho yari ku muhana iwe. Hari mu gihe hariko hagwa imvura nyinshi ivanze n’imituragaro, nkuko amakuru ava aho kuri uwo mutumba avyemeza. Abanyagihugu bamwe bagasaba umugwi w’intara ujejwe gukinga no gufasha mu bihe vy’ibiza kuja inama n’abasanzwe bafasha muri ico gisata, kugira ngo hatorwe umuti urama wog ukinga amasanganya aturuka ku nkuba, ngo kuko ayo masanganya atera yiyongera hirya no hino mu ntara ya Muyinga. Abantu barenga 6 bakaba aribo bitavye Imana bakubiswe n’inkuba mu ma komine atandukanye y’intara ya Muyinga, mu mezi atatu yasozera umwaka wa 2020.
II. Hari ifatwa ry’abanyagihugu batavuga rumwe na CNDD-FDD mu ma komine ya Burambi na Buyengero, ateye amakenga n’ubwoba ababa muri iyo micungararo. Abantu batatu bafashwe mu gitondo co kuri uyu wa kabiri inyuma y’isakwa ryakozwe n’igipolisi ku mihana iwabo, ivyateye ubwoba abanyagihugu baba muri iyo micungararo bavuga ko abafashwe ataco basanze mu ngo zabo giteye amakenga. Amakuru akaba yemezwa n’abajejwe intwaro ku mitumba
III. Abantu 8 nibo bahagaritswe n’igipolisi mw’isakwa ryabaye mu gitondo co kuri uyu wa kabiri ku mugwa mukuru wa komine Makamba. Iryo sakwa ryari rigamije kugenzura ingene ibitabo vy’ingenzi vyuzuzwa muma hôtels, kurondera abasuma hamwe no kurondera abatagira ivyangombwa, rikaba ryakozwe muri quartier ya Makamba 1 na Makamba 2. Abo bahagaritswe muri iryo sakwa bakaba bagizwe n’umukozi umwe wa hôtel Makamba City yagirizwa kuba atari yashize mu gitabo abantu 3 bari baraye muriyo hôtel, eka n’abo batatu baharaye bakaba baciye bahagarikwa. Abandi bafashwe ni umuntu umwe yafatanywe ibutura rikozwe mu mpuzu y’igisirikare, hamwe n’abagabo 3 bikekwa ko ari abasuma nk’uko amakuru dukura mu bajejwe intwaro abivuga. Abo bikekwako ubusuma bakaba bafatanywe ibitoke, umufuko 1 w’ifumbire, amabati 4 nkuko amakuru dukura mu gipolisi avyemeza. Abo bikekwako ubusuma bakaba baciye batwarwa mu gasho k’igipolisi gukorwako amatohoza.
IV. Umuntu umwe yaritavye Imana biturutse kw’isanganya ry’imodokari yagonze ipikipiki kuri uyu wa mbere, muri zone Kabuye, mu ntara ya Kayanza. Abandi babiri bari baraye bakomerekeye aho nyene mu Kabuye biturutse ku modokari yagonze umugabo n’umugore.
V. Impunzi z’abarundi ziri i Mulongwe mu gihugu ca Congo zirarajwe ishinga n’umutekano muke uri aho baronkejwe imirima. Kuri uwu wa mbere, abantu barimira mu karere ka Gaseke baguye mu mutego w’abitwaje ibirwanisho, barababoha baranabambura utwo bari bafise twose. Hari n’uwafashwe ku nguvu aranacumitwa imbugita ku kuboko.
VI. Abantu babiri barapfuye, abandi 2 barakomereka cane bariwe n’ingona ziyerereza ahari imyuzurira y’amazi mu mihana muri zone Gatumba, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura. Abanyagihugu baba aho bavuga ko intandaro ya vyose ari iyo myuzurira ihari, ituma izo ngona ziva mu ruzi Rusizi zikaza muri iyo myuzurira kugira zirondere ico zirya. Bagasaba abajejwe intwaro gutorera umuti ico kibazo.
VII. Bamwe mu barundi baratunga agatoki icegeranyo giherutse gushirwa ahabona n’umugwi ujejwe kuvugana ukuri n’ukunywanisha abarundi CVR, ko gihengamiye uruhande rumwe. Abavuganye n’uruganda rwa radio Inzamba, bavuga kuyo uwo mugwi utigeze wigenga ari naco gituma udahumuriza abarundi bose. Kubw’abo banyagihugu, ngo ubutegetsi bushaka ko abarundi baguma mu ndyane z’amoko zidahera.
VIII. Académie Ubuntu yegukira Maison Shalom, mu ntumbero yo kwitaho ibijanye n’ubumenyi ku rwaruka n’abakuze b’impunzi, igiye gutanga inyigisho zitandukanye. Mu mwanya wa mbere, inyigisho zizotangwa biciye ku mbuga ngurukana bumenyi kubera ibihe vy’ikiza c’umugera wa Corona, ariko n’inyuma y’ico kiza izo nyigisho zizobandanya. Uyo mugambi ukaba watangujwe kuri uyu wa kabiri, ukaba ufise icicaro mu kigo Oasis of Peace i Kigali no mu kigo Elite kiri mw’ikambi y’ impunzi y’i Mahama.
IX. Abatwara abantu n’ibintu mu gihugu cose c’Uburundi bategerezwa kwambara ubufukamunwa kuva kuri uyu wa gatatu, abanyagihugu nabo bakoresha imodoka n’ama moto mu kwiyunguruza bategetswe kwambara udufukamunwa kuva ku musi wa kane. Izo n’ingingo zishikirizwa na Pierre Nkurikiye, avugira ubushikaranganji bw’umutekano, inyuma y’inama yahuje umushikiranganji w’umutekano hamwe n’abarongoye amashirahamwe yo gutwara abantu n’ibintu kubijanye no kwirinda ikiza corona. Uyo avugira ubushikirangaji akavuga ko uwutazokwubahiriza izo ngingo azohanwa.