Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/10/2019

Publié le 17 octobre 2019 par Rédaction

Abanyeshure bagera kuri 10 bokwishure rikuru rya Mugomere riri muri commune n’intara ya Rumonge bakomeretse bivuye ku mvura ivanze n’igihuhusi yaguye mugatondo ko kur’uno munsi wa kane hari igihe c’isaha zitatu. Bakaba baguweko n’ibisakazo vy’iryo shure. Ibirasi 6 akaba ari vyo vyabomotse. Abavyeyi b’abo bana bakomeretse basaba ko iryo shure ryovuza abo bana kuko ngo bagiriye isanganya kw’ishure. Mu buyobozi
bw’iryo shure bakaba bavugako iryo shure risanzwe rikenye, bagasaba nyabuna ko abogira ico bafasha bofasha kugira ngo abo bana bavuzwe.

Umuntu umwe yaraye akubiswe arashaya n’imbonerakure mu ntara ya Kirundo. Amakuru dukura muriyo ntara akemeza ko uwo yakubiswe yarasanzwe ari umunywanyi w’umugambwe CNL ubu akaba ariko aravurirwa mubitaro vyo mu Kirundo.

Abanywanyi b’umugambwe CNL muri komine Buyengero intara ya Rumonge basaba irekurwa ry’umukuru w’uwo mugambwe muri komine Buyengero. Celestin Niyongabo afunzwe kuva kur’uyu wa kabiri muri komisariya y’igipolisi iri ku murwa mukuru w’iyo ntara. Igipolisi camufashe ngo camubwiye ko ari kumvo z’amatohoza, nk’ukwo amakuru ava aho nyene i Buyengero abandanya abimenyesha.

Ishirahamwe rukritsu rirwanya isinzikarizwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu ACAT-Burundi rirahagaritswe umutima n’idashirwa mu ngiro ry’imanza zicirwa mu ma sentare kubafungiwe imvo za politike. Akarorero gatangwa n’akabanyororo bo mu ntara ya MAKAMBA. Mw’itangazo iryo
shirahamwe ryashize ahabona kur’uno wa kane, ACAT–BURUNDI risaba ubutungane bw’Uburundi kwubahiriza ukwishira n’ukwizana kwa kiremwa muntu.

Kur’uno wa gatatu, niho urwego rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora CNC rwashikiriza amategeko ngenderwako azisungwa n’abamenyeshamakuru mu matora yo mu mwaka 2020. Nestor Bankumukunzi arongoye urwo rwego avuga ko ata vyinshi bishasha birimwo kiretse ko abamemyeshamakuru ubu batarekuriwe gutanga amakuru avuye muri bimwe bita sondage kuko kenshi ayo makuru aba ari ay’ibinyoma. Athanase Karayenga, umuhinga muvyo kumenyesha amakuru avuga ko iryo tegeko ritazokworohereza abamenyeshamakuru mu gihe
c’amatora.

Itegeko ritegeka ingene abamenyeshamakuru bazokora ngo rije ryiyongera ku yandi menshi agenga umwuga wo kumenyeshamakuru mu Burundi. Umugambwe RANAC uratewe amakenga ariko n’ingingo igira 10 ibuza abamenyeshamakuru kuvuga ivyavuye mu matora imbere yuko umugwi CENI utangaza ivyavuye mumatora. Georges NIKIZA akaba atera intege abamenyeshamakuru bagerageza gukora akazi kabo, ariko akanabakebura ko bogerageza kuvugira abanyagihugu mu gihe abapolisi canke izindi nzego za leta baba bariko barabahohotera kuko bimaze kuboneka ko ataco baheza ngo babivugeko.

Ishirahamwe ry’abafaransa ryitwa Le Cancer du Sein, Parlons-en! ryaratunganije isekeza ryise Octobre Rose mu ntumbero yo kugwanya cancer y’ibere. Ikigo mpuzamakungu kigira ubushakashatsi kuri cancer
kikavuga ko kirajwe inshinga n’ukuntu ibitigiri vy’abagwaye cancer vyiyongera ku murindi utey’ubwoba. Mu Burundi naho, ku bakenyezi 100 baja kwipimisha ku bitaro Kira, hagati ya 10 na 15 usanga bafise cancer y’ibere. Muganga Alain Nshimirimana akamenyesha ariko ko n’abagabo nabo nyene bafatwa na cancer y’ibere.

Muri rya sekeza ryo gusigurwa ibiri mu masezerano yerekeye agateka ka zina muntu ku mugabane wa Afrika; uno musi dusigurirwa ingene igihugu citwarira ikindi gihugu mu murwi wa afrika ujejwe agateka ka zina muntu. Ivyo bikaba biri mu ngingo ya 48 y’ayo masezerano. Umushingwamanza Gustave Niyonzima wo mu runani CAVIB arabica irya n’ino.

Ibindi bisa n'ibi