Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 16/01/2021

Publié le 16 janvier 2021 par Rédaction
I. Umuntu umwe yishwe ku mutaga wo kuri uyu wa gatandatu, mu gacimbiri Numbwe, zone Maramvya, muri komine Burambi y’intara ya Rumonge. Uwishwe n’uwitwa Côme, bivugwa ko yari mu mugwi wari umaze imisi uhungabanya umutekano muri iyo komine no mu micungararo yayo. Amakuru ava I Burambi avugako ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu, hari hafashwe uwundi yitwa Protais. Ayo makuru nyene akavuga ko telephone y’uwo Protais ariyo bakoresheje ngo bamenye aho Côme ari. Kuri uno munsi wa gatandatu, hakaba humvikanye inkoho nyinshi ku mutaga, kuri uwo mutumba wa Numbwe, abanyagihugu bakaba batekewe n’ubwoba.
II. Umugabo azwi kw’izina rya Bareke ava ku mutumba Bihogo, komine Gasorwe, mu ntaraya Muyinga, yaratowe  ikiziga Ku wa gatanu mu gatondo, yenenana ku kiziriko kirekire kiboheye ku giti, nkuko amakuru ava aho ku mutumba wa Bihogo abimenyesha. Uwo mugabo nk’abandi barenga cumi bapfuye mu mwaka uheze muri ubwo buryo mu ma komine atandukanye y’intara ya Muyinga, bivugwa ko yoba yariyahuye. Gushika ubu, imvo z’urwo rupfu ntiziramenyekana, nkuko bamwe mu babanyi biwe babimenyesha. Ayandi makuru ava mu begereye umuryango wiwe, akavuga ko umuhisi Bareke yoba yarishwe hanyuma akamanikwa ari ikiziga.
III. Ibiharuro biguma vyiyongera vy’abandura umugera wa corona, eka no mu mashure hakaba havugwa ibitigiri vyinshi, nko kw’iseminari yo mu Kanyosha haharurwa abarenga 60 bamaze gutorwa uwo mugera. Ahandi ni mu bumanuko bw’igihugu mu ntara ya Makamba, aho mu ma komine amwe amwe hamaze gutorwa uyo mugera ku barenga 70, harimwo abanyeshure n’abigisha. Mu Kayanza naho, hakaba hamaze kuboneka abababa 50.
IV. Icuka si ciza hagati y’abakozi bo ku bitaro vy’i Muyinga n’umuyobozi wavyo.  Mw’ikete bamwandikiye kuri uyu wa kane, baramugabisha ko hamwe igenekerezo rya 20 kuno kwezi zoshika amafaranga basaba atarashirwa ku ma konti yabo, bazoca bafata ingingo zikomeye. Ayo mafaranga na yo, n’agashirukabute hamwe n’ayo bahora baronka mu gihe bafashije abanyeshure bimenyereza kuvura.
V. Uwahora ari umuyobozi mukuru w’ishirahamwe REGIDESO Siméon Habonimana aheruka kugenwa na Evariste Ndayishimiye mu mabanga mashasha y’umuyobozi ajejwe imigambi, amasoko ntanganguvu, ubutare, n’uburaro. Ishirahamwe OLUCOME rigwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta, ririyamiriza igenwa ry’uyo Siméon Habonimana, kubera aheruka kunegurwa n’umukuru w’igihugu kuba yaratembeje ikigega c’ishirahamwe REGIDESO. Gabriel Rufyiri, arongoye iryo shirahamwe agasaba nyabuna ko uwo Siméon Habonimana yohanwa.
VI. Uno musi, ikigabane “Kw’Isôko” gishimikira ku ngorane abarundi baba mu bisagara vy’Urwanda bahura, mu gihe bakiriko barasaba ubuhungiro.

Ibindi bisa n'ibi