I. Hari umukenyezi w’umupfakazi yahagaritswe kuri uyu wa kabiri n’igipolisi c’inyamiramabi, akekwa kuba ari mu bishe umugabo wiwe. Aho ni mu gihe igipolisi c’inyamiramabi kitigeze gikorera amatohoza ku bimenyetso vy’amakanda y’abari bafashwe n’igipolisi, ubwicanyi bukiba. Abaharanira agateka ka muntu n’abaryango bakaba badakekeranya ko ubwicanyi bwakorewe Thierry KUBWIMANA bwakozwe n’abantu bazwi kandi bakingiwe kugeza uyu musi, bagasaba ukuri ko kwoja ahabona, abakoze ubwicanyi bagafatwa.
II. Ivyashikirijwe n’umuvugizi w’igipolisi Petero Nkurikiye ku bijanye n’ingene umutekano wifashe muri komine ya Burambi mu ntara ya Rumonge, ngo ni ukugomba gukingira ikibaba abo mu nzego z’umutekano baba bakoze ubwicanyi babukorera abari mu minwe y’inzego. Ivyo vyamenyeshejwe n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, aho avuga kandi ko uwo muvugizi kugira yagirize icaha abantu bakiriko barakorwako amatohoza, aba ari ukugomba gutamika ijambo ubutungane.
III. Imisi itanu iraheze atawuzi iyo abarundi babiri bahungiye mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya bajanywe gupfungirwa. Abo nabo bakaba ari umukenyezi wa Issa Niyonkuru aheruka kugandagurirwa mur’iyo kambi hari ku musi wa kabiri w’indwi iheze, hamwe n’umu pasitori yavuze igisabisho bariko baramushingura. Bafashwe n’igipolisi ca Tanzaniya ku wa gatandatu w’indwi iheze, gushika ubu ntawuramenya irengero ryabo
IV. Imyidogo ni myinshi mw’ibohero rikuru rya Muyinga. Ni mu gihe abanyororo badashimishwa n’imfungurwa baronswa, ngo kuko aba ari nke, ivyo bigatuma bamwe mu banyororo barwara indwara zitewe n’ugufungura nabi. Bakongera bagashavuzwa n’uko batarekuriwe kuronswa imfungurwa zivuye hanze y’ibohero. Abo banyororo bakadomako urutoke umuyobozi mukuru w’iryo bohero ko yoba anyuruza bimwe mu bifungurwa vyabagenewe.
V. Abategetsi b’Uburundi basa n’abadatahura kumwe ibijanye no kwambara agapfukamunwa mu kwirinda ikiza ca Covid-19. Umushikiranganji wa mbere asaba abarundi kukambara igihe cose bari ahantu hakoraniye abantu benshi. Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji w’amagara y’abantu avuga ko iyo ngingo iraba abiyunguruza mu modoka zitwara abantu. Mu banonosoye ibijanye n’ibiza nabo, bahanura kwambara agapfukamunwa ahashoboka.
VI. N’agakuru keza ku baganga batatu bari baherutse gufatirwa ibihano ku bitaro vy’i Muyinga kuko ivyo bihano vyaraye bifuswe. Dr Willy Kwizera, Dr Sylvie Ngabire na Dr Jean Sinzobatohana bari bahawe igihano n’umuyobozi w’ibitaro bwo kudasubira gukandagiza ikirenge muri ivyo bitaro mu misi 15, bongere batakaze agashirukabute nk’abandi bakozi. Ivyo bihano bikaba vyafuswe inyuma y’inama ya bose idasanzwe yabaye kuri uyu wa mbere. Uyo muyobozi w’ibitaro Dr Abadie Munyentwari yabagiriza kugumura abandi bakozi, no gutanga ubutumwa buryanisha.