Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/01/2021

Publié le 28 janvier 2021 par Rédaction
I. Umukuru w’igihugu asaba ikigo CNC kigenzura ibimenyeshamakuru n’ingene amakuru atangwa mu Burundi, kuja hamwe mu maguru masha n’abarongoye ibimenyeshamakuru vyahagaritswe n’ivyafatiwe ibihano, kugira hatorwe inyishu kubitumvikanwako  ku nyungu z’igihugu. Umukuru w’igihugu mu nama yagiranye n’abarongoye ibimenyeshamakuru kuri uyu wa kane i Bujumbura, akaba yemeje ko ibimenyeshamakuru bifise uruhara mw’iterambere ry’igihugu.
II. Ngo n’icizere ku bimenyeshamakuru vyafatiwe ibihano ko bigiye gutezurirwa. Kubwa Alexandre Niyungeko abona ko naho iryo jambo ari ryiza, hari vyinshi bigikenewe gukorwa, nk’ibijanye n agateka ka zina muntu no gukura imitahe ku bamenyeshamakuru n’abanyepolitike, hamwe n’abo mu mashirahamwe yigenga. Kandi ngo biranagoye kwizera ko imvugo  ishobora kuzojana n’ingiro.
III. Abantu 24 ni bo bari bamaze gutorwa umugera w’ikiza Covid19 gushika kuri uyu wa gatatu, muri komine Kiganda mu ntara ya Muramvya. Ni mu gikorwa co gupima abanyagihugu, catanguye ku wa mbere w’iyi ndwi. Abanyagihugu bo mur’iyo komine, bakavuga ko batekewe n’ubwoba kuko hari abadapimwa kubera ibura ry’ibikoresho. Umwe muri abo banyagihugu aratubwira uko bimeze.
IV. Inyuma y’indwi zibiri hafashwe ingingo yo gutegeka abunguruza abantu canke abiyunguruza bakoresheje  uburyo rusangi kwambara udufukamunwa, iyo ngingo nticubahirijwe bikwiye mu ntara za Rumonge na Muyinga. Mu ntara ya Muyinga ku bituro bitandukanye n’abadufise batwambara nabi, nayo mu Rumonge bamwe bakavuga ko utwo dufukamunwa tubatuma bahema nabi.

Ibindi bisa n'ibi