Igipolisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara kivuga y’uko iryo sanganya ribabaje kubona ryahitanye abantu kandi rigoye gutahura,bafatiye kubihora bitera amasanganya y’ama modoka ku mabarabara. Commandant Roger BANKIBIGWIRA arongoye igipolisi kijejwe uruja n’uruza.
Ikibazo c’ifumbire ngo kirageramiye abarimyi. Ivyo navyo ngo bigatumwa n’uko ifumbire rikorerwa mu gihugu hagati ridafise ivya ngombwa kandi naryo nyene rikaba ridakwiye. Ivyo bikiyongerera ko kuva aho reta ifatiye ingingo yo kurikorera mu gihugu atarikigurwa hanze. Akarorero ni mu ntara ya Gitega aho abatari bake bataranatangura kurima. Uwu n’umwe mu barimyi bo mur’iyo ntara ya Gitega.
Aha twokwibutsa ko kw’itariki 20 Nzero, umushikiranganji w’Uburimyi, Déo Guide Rurema yari yamenyesheje ko hagiye gukorerwa ifumbire rikwiye kandi rikwije amategeko mu gihugu hagati.
Haribonekeza ubukene bw’ibikoresho mfashanyigisho mu mashure amwe amwe yo mu ntara ya Rumonge. Bamwe mu bigisha bakavuga ko bagira ingorane nyinshi mu mwuga bakora kubera bataronka ivyo bigishirizako. Bagasaba ubuyobozi bw’indero mu ntara ya Rumonge kudodora ahatandukanye kugira baronke ibikoresho.
Umugambi wo kwubaka ingomero za Jiji na Mulembwe kugira zizotange umuyagankuba ungana na mega watts 49 ngo n’umugambi mwiza cane ariko ngo bizotuma igiciro c’umuyagankuba kiduga cane, ivyo navyo ngo bikazotuma abanyagihugu bananirwa kuwuriha. Ivyo bivugwa n’umuhinga mubijanye n’amasoko ntanganguvu Albert Nsengiyumva. Aho n’inyuma yaho kuwa 24 Nyakanga uno mwaka icegera ca kabiri ca Petero Nkurunziza yatanguza ibikorwa vyo kwubaka izo ngomero. Kubw’uyo muhinga ngo bene iyo migambi yerekeye igihugu n’abanyagihugu yarikwiye kwigwa babona ko bazoyishikako ariko batabanje kubesha abanyagihugu.
Mur’urwo rukurikirane rw’isekeza ryo gusigura amasezerano yerekeye agateka ka zina muntu ku mugabane wa Afrika, umushingwamanza wo muri CAVIB adusigurira ibijanye n’ingingo ya 51 y’ayo masezerano, avuga ibijanye no gutorera umuti amatati hagati y’ama leta.
Abakozi bo mu nzego zitandukanye z’akarere ka Afrika y’ubuseruko barya ibiturire bagiye guhagurukirwa na sentare y’ako karere, vyanse batahukanwe gucibwa urubanza n’ubutungane bw’ Uburundi. Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wagatandatu na Victor Burikukiye, umushingamateka w’akarere ka Afrika y’ubuseruko , ngo ntibobandanya bica amatwi kuko amafaranga akoreshwa mur’iryo shirahamwe ava mu nguvu z’abanyagihugu.