I. Umunyorororo wo guherayo n’ihadabu y’imiliaridi zababa cumi z’amafaranga y’amarundi ni rwo rubanza rwaciriwe abantu bagera ku 34, bagirijwe gushaka guhirika ubutegetsi mu mwaka wa 2015. Abo baciriwe urwo rubanza na Sentare ntahinyuzwa harimwo abanyepolitique, abasirikare, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike be n’abamenyeshamakuru, muri abo hakaba harimwo n’abitavye Imana. Urwo rubanza rukaba rwaciwe ata n’umwe yigeze yitaba ubutungane kuko bahunze igihugu ku mvo z’umutekano wabo. Ivyo abize amategeko babona ko ari urubanza rwa politike, ataco rusa rusana n’amategeko yategerezwa gukwirikizwa. Umushingwamanza Janvier Bigirimana.
II. Abarundi bahungiye mw’ikambi ya Nduta muri district ya Kibondo mu gihugu ca Tanzaniya, baratewe ubwoba n’ibitero vy’abantu bitwaje ibirwanisho bibera muri iyo kambi. Uwudapfuye arakomereka, canke akanyuruzwa. Kuva uyu mwaka wa 2021 utanguye umwe yarishwe, uwundi arakomereka, abandi batatu baranyuruzwa baburwa irengero. Abarundi bahungiye mw’ikambi ya Nduta bafise ubwoba ko ababatera boba ari abaza bavuye mu Burundi. Basaba ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR na leta ya Tanzaniya bahungiyemwo, kubacungerera umutekano.
III. Amabi ariko arakorerwa impunzi z’abarundi zahungiye mu gihugu ca Tanzaniya azobazwa ico gihugu. Bishikirizwa na Léopold Sharangabo icegera c’uwurongoye urunani CBDH-VICAR riharanira agateka k’impunzi ziri mu makambi y’impunzi mu karere. Bagasaba ico gihugu guhagarika iyo ngendo. Nayo HCR n’amakungu, basabwa kuvugira izo mpunzi hamwe no guhagurukira igihugu ca Tanzaniya kuko gikora amarorerwa. Ivyo bakabivuga bafatiye kuvyabaye kuri uyu wa gatatu, aho abitwaje ibigwanisho batera mu kambi ya Nduta, abantu bakaba barakomeretse.
IV. Ubutegetsi butubahiriza agateka k’abana hamwe n’ingeso y’ukudahana ivyaha, ni vyo bituma abana bakorerwa amabi atagira izina mu Burundi. Ivyo bishikirizwa n’umuhari mpuzamakungu w’urwaruka rw’abarundi, MIJB, inyuma y’aho hamaze iminsi hibonekeza abana bahohoterwa ku bwinshi. Uyo muhari ugasaba leta n’aberwa bose n’agateka k’abana kugwiza inyigisho n’ibiganiro vyo gukingira abana, cane cane ku nzego zo ku mitumba. Carène Kelly Inarukundo, arongoye umuhari MIJB.
V. Uwurongoye iperereza mu ntara ya Makamba yarahagaritswe ubu akaba afungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Amakuru radiyo Inzamba imaze kuronka, n’uko yagirizwa gukora urudandazwa rwa magendu muri iyo ntara. Akagirizwa gukora urwo rudandazwa rutemewe n’amategeko akoresheje akazi akora k’iperereza.
VI. Amashirahmwe SOBUGEA na Air Burundi ahejeje kuba ishirahamwe rimwe ryitwa Burundi Airlines. Muri iryo shirahamwe rishasha leta iba ifisemwo umutahe ungana n’ibice 92 kw’ijana, n’ukuvuga amafaranga y’amarundi arenga imiliyaridi 14. Amashirahamwe nka SOCABU na SABENA akaba afise ibice bine bine kw’ijana. Umutahe ugiye gukoreshwa ukaba urenga gato imiliyaridi 15 z’amafaranga y’amarundi.