Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/02/2021

Publié le 5 février 2021 par Rédaction
I. Nta migenderanire ishobora gusubira hagati y’Uburundi n’ubumwe bwa buraya mu gihe Uburundi butujuje ivyo busabwa. Mw’ikete abashingamateka b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa buraya ryarungikiye uwujejwe imigenderanire w’iryo shirahamwe, bashimikira ko igihugu kikirangwamwo ihonyangwa ridasanzwe ry’agateka ka zina muntu, harimwo ubwicanyi, ipfungwa ridakurikije amategeko, ubutungane butigenga, n’ukutigenga mu gushikiriza ivyiyumviro. Iryo kete ryanditswe inyuma y’aho umushikiranganji w’imigenderanire n’uwuserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya batanguye ibiganiro ku munsi wa kabiri kugira imigenderanire y’Uburundi na Buraya isubire kunaguka.
II. Hari igipfungu mw’ishirwa mu ngiro y’ingingo y’ubutungane yafashwe ku wa kabiri uheze yo kurekura Christa Kaneza. Uyo mukenyezi akaba yikekwa ko yagize uruhara mu bwicanyi bw’umugabo wiwe. Amatohoza ya radio Inzamba  yerekana  ko iyo ngingo itahavuye ishirwa mu ngiro biturutse ku kunyinyurana kw’abadashaka ko uyo mupfakazi arekurwa vy’agateganyo, nk’uko  ubutungane  bwari bwabitegetse.
III. Leta y’Uburundi irashima ko hari inzego zubahiriza ubutungane kuri bose, intwaro ibereye hamwe n’amahoro kuri bose. Ivyo biri mw’ijambo umukuru w’igihugu yashikirije kuri uyu wa kane buca hahimbazwa imyaka 30 iheze, hemejwe amasezerano y’ubumwe bw’abarundi, umusi uhimbazwa uwa 5 Ruhuhuma. Ariko rero umugambwe UPRONA utavuga rumwe na Leta ubona ko nyabuna hari ubutungane bukorera umugambwe uri ku butegetsi, buhabwa amategeko n’akagwi k’abarongoye igihugu. Professeur Charles Nditije, arongoye uwo mugambwe, akaba asaba nyabuna ko leta yoreka ubutungane bukigenga.
IV. Urupapuro rwemeza ko umuntu yipimishe umugera wa corona rwahora rugurwa amafaranga ibihumbi cumi rugiye kugurwa amahera ibihumbi 60 y’amarundi. Ivyo vyashikirijwe na Muganga Thaddée Ndikumana, umushikiranganji w’amagara y’abantu, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane, ku bijanye n’aho igikorwa co kugwanya ikiza ca corona kigeze. Ariko mw’ishirahamwe rigwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta OLUCOME, bakabona ko ivyo bije gusonga abarundi bari mu bukene butagira izina.
V. Abakozi b’umugwi w’igihugu ujejwe impunzi muri republika iharanira demokarasi ya Congo, baraguye mu mutego w’abantu bitwaje ibirwanisho barabakomeretsa. Hari kuri uyu wa kane, ku birometero bitatu vy’ikambi ya Mulongwe, irimwo impunzi z’abarundi. Ivyo vyateye ubwoba abarundi bari muri iyo kambi, kuko atari ubwa mbere abakozi b’amashirahamwe akorera muri iyo kambi bahagarikwa n’imigwi yitwaje ibigwanisho. Kubera rero imigwi y’abagwanyi ari myinshi muri ako karere, impunzi zisaba kwimurirwa ahandi.

Ibindi bisa n'ibi