Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/02/2021

Publié le 11 février 2021 par Rédaction
I. Hari umusore w’imyaka 18 wo ku musozi Gahise, komine Butaganzwa, n’intara ya Kayanza, yaraye yitavye Imana atwawe n’uruzi Ruvubu. Uwo bari kumwe na we akaba yarashoboye kurokoka. Ivyo bikaba vyabaye ku mugoroba wo kuri uno wa gatatu uheze, bivuye ku mvura nyinshi yari yaraye irarwa, mbere n’amazu atari make arabomoka.
II. Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu Ligue Iteka, riratewe amakenga n’ikumirwa rifatiye ku moko no ku migambwe ryibonekeza mu nzego n’ibisata bitandukanye vy’igihugu. Mu matohoza Ligue Iteka yakoze muri uku kwezi kwa kabiri uno mwaka, yerekana ko mu nzego nyinshi zihambaye z’igihugu, ibice birenga 80 kw’ijana vyiharijwe n’abo mu bwoko bw’aba Hutu, hamwe n’abari mu mugambwe uri ku butegetsi. Ligue Iteka igasaba inama nkenguzamateka ko rusansuma rufatiye ku moko rw’abakozi ba Leta rutoba intandaro y’ikumirwa ry’aba canke bariya, nyabuna Leta igashira imbere ubushobozi n’ubumenyi bwa muntu.
III. Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, abamenyeshamakuru, n’amashirahamwe y’abakenyezi, bariyamiriza urubanza sentare ntahinyuzwa yaciriye bamwe muri bo aho bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi, bakaba bakatiwe urubanza rwo guherayo n’indishi yababa imiriyaridi 10. Mw’itangazo ayo mashirahamwe yasohoye, amenyesha ko ari itotezwa bakorerwa. Bishikirizwa na Armel Niyongere arongoye ACAT Burundi, imwe muri ayo mashirahamwe.
IV. Abanu bagera kuri 47 nibo bahagaritswe mu kiringo c’indwi imwe, mu ma komine atandukanye ahana urubibe n’igihugu ca Tanzaniya. Abo bakaba bahagaritswe binjira canke bagomba gusohoka igihugu c’Uburundi, baciye mu nzira zitemewe.
V. Aho bukera ku wa 12 Ruhuhuma, niho Uburundi buzohimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe amaradiyo. Uwo musi ariko ukaba usanzwe uhimbazwa kuwa 13 za kuno kwezi kwa 2 nyene. Umushikiranganji Marie Chantal Nijimbere ajejwe kumenyesha amakuru akaba yashikirije itangazo aho yemezako amaradiyo afise uruhara nta ngere mw’iterambere ry’igihugu. Asaba abayobozi b’amaradiyo kwama banagura ubumenyi bw’abamenyeshamakuru, kugirango bame bakora bisunze akarangamutima k’umwuga wabo. Mwomenyako uno musi hari amaradiyo akorera mu Burundi ; aho hakaba harimwo amaradiyo 19 yegereye abanyagihugu.

Ibindi bisa n'ibi