I. Abarundi 34 bagizwe n’abagabo 19, abakenyezi 8 hamwe n’abana 7, nibo baraye birukanywe n’igihugu ca Tanzaniya kuri uyu wa kane. Abo barundi bakaba bashikanywe ku mupaka wa Mugina muri komine ya Mabanda, ku mugoroba wo kuri uyu wa kane, baraheza babashikiriza igipolisi kijejwe imbibe. Nk’uko amakuru dukura ngaho ku mupaka wa Mugina abivuga, ngo abo barundi birukanywe kubera batagira ibibaranga. Ubu bakaba bari ngaho ku mupaka mu kurindira gusubizwa iwabo.
II. Uwurongoye urwego rwa reta rugenzura uko ibinyamakuru bikora CNC yamenyesheje ko abarongoye ibinyamakuru vyugawe ubu bakorera mu buhungiro yabatumiye mu biganiro vyotuma haba iyugururwa ry’ibinyamakuru vyugawe, ariko ntibashima kwitaba ubutumire bwiwe. Nestor Bankumukunzi akaba yabimyesheje kuri uno wa gatanu mu kiganiro n’abamenyeshamakuru. Bob Rugurika umwe mu barongoye ibinyamakuru vyugawe, arabeshuza ivyashikirijwe na Nestor Bankumukunzi arongoye CNC.
III. Igikorwa c’ama radiyo akorera mu buhungiro kuva mu mwaka wa 2015 ni ngirakamaro cane. Kuri uyu musi hahimbazwa umusi wahariwe iradiyo, bamwe mu bumviriza ivyo bimenyeshamakuru barashima igikorwa cavyo mu gihe ibikorera mu Burundi vyo ata bwigenge bifise, bitegerezwa gukora ivyo leta ishatse.
IV. Ikumirwa ryibonekeza mu nzego n’ibisata bitandukanye vy’igihugu bishobora gukwega izindi ndyane mu gihugu. Bisigurwa na Charles Nditije arongoye umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi. Abivuze inyuma yaho itohoza ryagizwe n’umuhari Iteka uharanira agateka ka muntu, werekanye mu cegeranyo cawo co muri uku kwezi, ko mu nzego nyinshi zihambaye z’igihugu ibice birenga 80 kw’ijana vyiharijwe n’abahutu hamwe n’abari mu mugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi. Charles Nditije agasaba rero uwo mugambwe kwisubirako mu gukurikiza amasezerano ya Arusha kugira igihugu ntigisubire kugwa mu manga.
V. Kuri uno wa gatatu hagati y’isaha cumi na zibiri n’isaha zine z’ijoro, igipolisi carafashe abana bagera kuri mirongo ibiri na babiri bari bagisibije mu kwiba mu miduga ipakiye imizigo ica kw’ibarabara bita RN1 ku gituro ca gare du nord mu Kamenge, muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura. Abo bana ubu bakaba bapfungiwe mu gasho k’igipolisi ka zone Kamenge. Paul Nkunzimana, umuhinga yanonosoye ivy’imibano, avuga ko abana bo mw’ibarabara babaye benshi mu gihugu biturutse ku ndyane Uburundi buhitiyemwo.
VI. Amajambo aherutse gushikirizwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ku bijanye n’impunzi, aho avuga ko impunzi zisumbwa agaciro n’ibitungwa vyo mu bihugu vyabakiriye, ntiyashimishije impunzi z’abarundi. Zimwe mu mpunzi zaganiriye n’uruganda rwa radiyo Inzamba, ngo ayo majambo yerekana ko ibijanye n’ukubahiriza agateka ka zina muntu mu Burundi, biri kure nk’ukwezi.