Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/02/2021

Publié le 13 février 2021 par Rédaction
I. Urupapuro bita Contrôle technique rwemeza ko habaye isuzuma ry’imiduga rurateye ingorane abatari bake mu bipfuza kururonswa mu Burundi. Abarutondera ku biro vya OTRACO bidogera abajejwe ako kazi, ko bahabwa ruswa bakareka imiduga itatonze ikabacako, abantu barorera. Abazanana mu gihugu hagati bo bikabagora gusumvya kuko urwo rupapuro ata handi rutangirwa atari mu gisagara ca Bujumbura.
II. Umugwi w’inkorabara El Shabab warateye ejo mw’ijoro ikirindiro c’abasirikare b’abarundi bari muri AMISOM muri Somaliya. Abavuganye na radiyo Inzamba agateka kawe aho nyene, bavuga ko hakomeretse umusirikare umwe mu barundi, nabo bakaba bakomerekeje babiri mu babateye. Aho ni i Biocadale ku birometero 12 vy’aho ibiro bikuru vy’intwaramiheto z’abarundi biri i Jowhar Air Field. Ayo makuru nyene avuga ko izo nkorabara zateye ibibombe bine, bitatu bigwa inyuma y’ikambi, kimwe kikaba arico caguye mwo. Bukaba bubaye ubwa gatatu baterwa mu kiringo c’amezi abiri.
III. Amazu arenga 40 aramaze kubomoka mw’ikambi y’impunzi y’i Mulongwe, iri mu gihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Congo, kuva mu kwezi kwa mbere kw’uwu mwaka, bivuye ku mvura nyinshi igize imisi igwa. Ivyo vyunyuwe n’uko amahema y’amazu babamwo ashaje cane. Muri kino gihe izo mpunzi zivugako ziri mu kangaratete; zigasaba ko zogarukirwako.
IV. Ikigabane « Kw’Isôko » kigaruka ku nsiguro umunsi mukuru w’abakundana bita Saint Valentin, wama uhimbazwa igenekerezo 14 ruhuhuma ukwo umwaka utashe, ufise mu Burundi. Haba mubatubatse canke mu bubatse.

Ibindi bisa n'ibi