Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/10/2019

Publié le 21 octobre 2019 par Rédaction

Kur’uno wa mbere igenekerezo rya 21 gitugutu niho haba ibirori vyo kwibuka imyaka 26 iheze umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye agandaguwe. Mu nkuka y’imisa yo kumwibuka, Musenyeri Gervais Banshimiyubusa arongoye diocèse ya Bujumbura, yamenyeshejeko naho Melchior Ndadaye atashitse k’uburundi bushasha yipfuza, ngo yarabaye ikiraro kubamukurikiye. Asaba Abarundi kudahurumbira amaronko kuko atuma umuntu adaha ikibanza abandi.

Umuhari MAP-Burundi Buhire urahoza umuryango wa President Melchior Ndandaye no kubandi barundi babuze ababo inyuma y’igandagurwa ry’iyo ncungu ya Demokarasi. Uwo muhari ukanababazwa n’uko yagandaguwe atari bwashire mu ngiro umugambi wiwe wa politike yari yatorewe. Emery Pacifique Igiraneza arongoye umuhari MAP-Burundi buhire.

Iyo ncungu ya Demokarasi Melchior Ndadaye mw’iragi yasigiye abarundi mw’ijambo yashikirije inyuma y’amatora yo mu mwaka wa 1993, yasavye abarongozi ko bokorera neza abarundi, hamwe bitagenze uko naho, ko bafise ububasha bwo kubakura. Ari naho demokarasi nziza ishingiye. Umviriza ijambo yashikirije.

Ishirahamwe Olucome rigwanya isesagurwa ry’amatungo ya leta risaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU gukurikiranira hafi ibikorwa bijanye no kwitegurira amatora yo muri rusama umwaka w’2020. Mw’ikete iryo shirahamwe ryandikiye umunyamabanga mukuru wa ONU, Olucome ivuga ko inkingi za demokarasi n’intwaro ibereye zasenyuwe.  Iryo shirahamwe Olucome rigasaba ko ibiganiro binywanisha abarundi vyosubira gutangura vuba.

Ikibazo co kwigisha abana abavyeyi babo bari mu buhungiro kiraraje ishinga abaserukira impunzi mu bice bitandukanye mu gihugu kibanyi c’urwanda. Ni muriyo ntumbero abaserukira abandi bashinze komite yofasha mu kwegeranya amafaranga yofasha murico gikorwa cokwegeranya uburyo. Patrice Ntadohoka aserukira impunzi ziba mu bisagara bigize igihugu c’urwanda yizera ko ivyo bizotuma uburyo bwegeranywa vyoroshe kugira abana badashobora kuronka uburyo bwo kuja kw’ishure baheze baburonswe.

Urunani CAVIB rw’abashingwamanza baburanira abakorewe ivyaha biburanwa n’amasentare mpuzamakungu be na Radio Inzamba agateka kawe basozereye kur’uno wa mbere isekeza bise Menya uburenganzira bwawe, ryari rigamije kwigisha amasezerano agenga ibihugu vya afrika mu gukinga agateka k’abanyafrika, amasezerano bise Charte africaine des droits de l’homme et des peuples mu gifaransa. Umushingwamanza Cyriaque Nibitegeka yaserukiye CAVIB, avuga ko kabaye akaryo ko kurarika abarundi ko bohagararira ubwo burenganzira bahabwa n’ayo masezerano.

Tubanyeshe ko iryo sekeza ryasozerewe kur’uno musi w’igenekerezo rya 21 gitugutu, umusi wahuriranye n’imyaka 33 iheze hemejwe ayo masezerano.

Ibindi bisa n'ibi