I. Iradiyo Bonesha FM yari imaze imyaka 4 yugawe yakuweko ibihano yari yarafatiwe n’urwego rwa leta rujejwe kugenzura ingene ibimenyeshamakuru bikora mu gihugu CNC. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa mbere na Nestor Bankumukunzi arongoye CNC, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Ariko uwaserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ARF rya radiyo Bonesha imbere y’uko isamburwa mu mwaka wa 2015 Adrien Nihorimbere, avuga ko inzego z’iradiyo nshasha ari ivyaduka, kuko zashizweho hahonyanzwe amategeko y’ishirahamwe ari na ryo ryashinze iyo radiyo.
II. Abanyagihugu baganiriye na Radiyo Inzamba barashima iyo ngingo yo kugurura I Radiyo Bonesha FM, bagasaba ko n’ayandi maradiyo yigenga yasenyuwe mu mwaka wa 2015 yosubira gukora.
III. Abantu batanu baraye bahagaritswe n’igipolisi muri komine Nyanza lac mu ntara ya Makamba, gifadikanije n’urwaruka rw’imbonerakure, mw’isakwa ryaraye ribaye. Muri komine Muhanga mu ntara ya Kayanza naho, umusore w’imyaka 20 yagirizwa kuba yarishe se, yaratawe muri yompi hari kuri uno wa gatanu w’indwi iheze. Ubu akaba apfungiwe mu gasho ka komisariya mu Kayanza.
IV. Anésie Hakizimana, n’umupfakazi afise abana 6 arasaba ko Mbayahaga Isidore yahoze ari umuyobozi w’ubudandaji mw’ishirahamwe ONATEL amusubiza amafaranga angana na 5800 vy’amadolari y’abanyamericka. Nkuko biboneka ku rupapuro rw’amasezerano Mbayahaga yashizeko umukono, ayo mafaranga yayahawe n’umuhisi Mathias Haranungarawe, umugabo wa Anésie Hakizimana mu kwezi kwa 5 umwaka wa 2014, kugira amugurire ikibanza muri komine ya Buterere yo muri ico gihe. Inyuma y’aho Haranungarawe yitabiye Imana, Mbayahaga ntiyigeze ashaka kuvugana n’umuryango usigaye, kugira abasubize ayo mafaranga canke abashikirize ico kibanza.
V. Umugambi warutegekanijwe wo kwimurira isoko ahasanzwe harashinguwe abantu mw’itongo ry’abapfuye ryo ku mutumba wa Kinyota riri mu micungararo y’umugwa mukuru w’intara ya Muyinga, wahagaritswe. Iyo ngingo ikaba yari yafashwe na musitanteri wa komine ya Muyinga. Zaba imvukira canke abari barashinguye ababo muri iryo tongo, barashima iyo ngingo.
VI. Hari ikiziga c’umurundi yahungiye mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya catowe kuri uyu wa mbere ku ruzi Ndorobo ruri ku metero ijana z’iyo kambi. Akaba yari yarabuzwe irengero kuva kuri uyu w’Imana mw’ijoro, nkuko vyemezwa n’ababanyi biwe. Abo barundi bahungiye aho i Nduta, bagasaba k’umutekano wabo wokubahirizwa.
VII. Inyuma y’amezi arenga 10 Tanzaniya ifata minenerwe umugera wa coronavirus, umukuru w’ico gihugu yaraye asavye aba Tanzaniya kwambara agafukamunwa kugira ngo bikingire. Yabivuze kuri uyu w’Imana, igihe hari haheze imisi mike icegera c’umukuru w’izinga Zanzibar yitavye Imana, urupfu rwoba rwaturutse kuri Covid-19. Icegera c’uwurongoye ishirahamwe CBDH-VICAR ririmwo abarwanira agateka ka muntu mu makambi y’impunzi, avugako yashimye ako kamo ka Magufuli. Tanzaniya ikaba ihaye indaro impunzi zirenga ibihumbi ijana vy’abarundi. Kubwa Léopold Sharangabo, ngo ivyo bitanga umwizero ko n’izindi ngingo zigiye gukurikira mu ntumbero yo gukingira impunzi zibangamiwe na Covid-19. Léopold Sharangabo, icegera c’umukuru wa CBDH-VICAR.