I. Abantu 3 harimwo musitanteri wa komine Vugizo nibo baraye bakomeretse mu mutego watezwe n’abantu bitwaje ibirwanisho. Imodoka ya musitanteri ikaba yarononekaye, umushoferi wayo co kimwe n’uwucungera ubuzima bwa musitanteri bakaba badora. Aho I Vugizo ubu ubwoba ni bwose.
II. Ukutumvikana niko kurangwa hagati y’ama sendika SYNAPA na CNTS y’abakozi b’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu be n’umushikiranganji aburongoye Dr Thaddée Ndikumana. Bamwagiriza gutwara nabi hihishijwe inyuma kurya ibiturire. Ivyo bikaba bibeshuzwa n’umushikiranganji ubwiwe, ikibazo kikaba kiri mu minwe y’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni, aherutse kuronka amakete y’izo mpande zose uko ari zibiri.
III. Ikigabane Kw’Isôko kiza guhagarara ku ntererano z’abakenyezi bari mu nzego zifata ingingo mu gihugu, imbere y’iminsi ibiri kugira hahimbazwe umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi.