Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/05/2021

Publié le 5 mai 2021 par Rédaction
I. Bamwe mu bigisha bo kw’ishure shingiro ya Ceru ya mbere intara ya Kirundo, baridogera inyuruzwa ry’ubutunzi bw’iryo shure. Bagiririza uwurirongoye ko akotesha bidaciye mu mategeko ibintu vyegukira ishure, akaniba ibiribwa vyagenewe abanyeshure. Abo bigisha bagasaba ko uwo muyobozi yohanwa.
II. Amafaranga ariko akatwa abanyeshure bo mu mwaka wa mbere wa kaminuza akwiye gusubizwa vuba na bwango, kuko ata muntu n’umwe ashobora gufata ingingo yo kubakata amafaranga atavyumvikanye na bo. Uwo mwumvikano ukaba uca mu nama ya bose. Bivugwa na Denis Ndayishemeze yahoze ari mu baserukira abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi, akaba yari ajejwe igisata c’agafashanyo, uwo bita commissaire à la bourse, mu rurimi rw’igifaransa. Asaba abatwara kaminuza guhagarika iryo katwa no gushengeza abo bariko barakora ico gikorwa co kunyaga abanyeshure.
III. Abantu 7 barafashwe kuri uyu wa kabiri ku mutumba wa Rugasa, komine Bugabira, ni intara ya Kirundo. Bakaba bafatanwe impuzu bari bagiye kudandaza mu buryo butemewe n’amategeko. Musitanteri w’iyo komine agasaba abo arongoye gusenyera ku mugozi umwe, kugira ngo batuze bene urwo rudandanzwa.
IV. Sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Muyinga yarahanishije kuri uyu wa kabiri mu ntahe yayo y’icese mu rubanza rw’ikibiriraho, umunyororo wo guherayo, umugabo yitwa Ernest Minani wo ku musozi Nonwe komine ya Giteranyi, yagiriwe n’icaha co kwica yabiteguye, umugore wiwe Médiatrice Uwiringiyimana. Uwagirizwa akaba yaburanye yemera icaha, ariko akaba yavuze ko yamwishe abitewe n’ishavu riturutse ko uwo mukenyezi yakoresheje nabi amahera ibihumbi 900.000 yamurungikira ari mu gihugu ca Tanzaniya. Insiguro zitanyuze na gato sentare. Minani Ernest akaba yari yagandaguye umukenyezi wiwe mw’ijoro ryo kuwa 28 Ndamukiza uwu mwaka nyene, aca ahungira mu gihugu Ca Tanzaniya iyo yari yaje ava. Haciye imisi ibiri yafatiwe ahitwa ku Rusumo mu igihugu ca Tanzaniya n’abapolisi b’ico gihugu, babisabwe n’abategetsi b’igipolisi mu ntara ya Muyinga.
V. Iyo urwego rubijejwe rushikirije ibiharuro bivuye mu matora bitari vyo, inzego zose z’igihugu zivuye muri ayo matora, nta gaciro ziba zifise. Ivyo bishikirizwa na Frederiko Bamvuginyumvira arongoye CFOR-Arusha, urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na leta, inyuma y’aho abashakashatsi b’abarundi bakoze amatohoza yemeza ko habaye ubusuma mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu 2020. Ku bwiwe, ayo matohoza azofasha abatavuga rumwe na leta mu rugamba rwo guharanira intwaro rusangi iha agaciro umunyagihugu.
VI. Abakenyezi 9 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, 7 nabo barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, mu kwezi guheze kwa 4. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Uwo muhari ukababazwa n’uko abakekwa gukora ayo mabi badakurikiranwa, biturutse ku butungane ataco bukora canke ko baba ari abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Liliane Igiraneza, ari mu bagize uwo muhari.
VII. Italiki ya 5 Rusama n’umusi mpuzamakungu wahariwe isuku ryo mu minwe. Ingingo zafashwe zo gukaraba mu minwe mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura, hamwe ntizubahirizwa ahandi naho zirubahirizwa kubera usanga umuntu arinda gutegekwa gukaraba. Abasanzwe baca mu bibanza bihuriramwo abantu benshi bakagira amakenga ko umugera w’ikiza Covid-19 ushobora kurandagata atagikozwe. Bagasaba abajejwe intwaro gufata ingingo amazi atararenga inkombe.
VIII. Amazi y’ikiyaga Tanganyika yahungabanije urudandazwa ku kivuko ca Rumonge. Abahora baharangurira imirimo basaba abajejwe intwaro kubaronderera ahandi bokorera. Imvura igwa ku bwinshi aho mu Rumonge yatumye n’abantu benshi bata izabo.

Ibindi bisa n'ibi