I. Igihano c’umunyororo w’umwaka n’ihadabu ry’ibihumbi ijana nico gihano Sentare nkuru ya Ntahangwa yaciriye umushingamateka Fabien Banciryanino. Ngo ico gihano Sentare ihejeje kumucira cerekana ko uwo mushingamateka yari umwere ugereranije n’uburemere bw’icaha yarasanzwe akurikiranwako. Umushingwamanza Lambert Nigarura asigura kandi ko ari ikindi kimenyetso cerekana ko ubucamanza bukizingamitswe n’ubutegetsi.
II. Ingendo hagati y’igisagara ca Bujumbura n’intara zo mu bumanuko bw’igihugu nka Rumonge ntizorohera abiyunguruza kuva ku muhingamo wo kuri uyu wa kane. N’inyuma y’aho ikiraro co kw’ibarabara rya Bujumbura-Rumonge gicikiye. Abo muri ivyo bice bibiri bisa n’ibitandukanijwe n’ico kiraro bakavuga ko bishobora kugira ingaruka mbi, cane cane ku bijanye n’ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa.
III. Imvura nyinshi ivuye kw’ihindagurika ry’ibihe be n’ubukene bw’ikigega co kubungabunga ibiraro, izo ni zimwe mu mvo nyamukuru zisigura igituma ibiraro biguma bisitagurika muri bino bihe, mu ntara zimwe zimwe z’igihugu. Bisigurwa n’umuhinga yanonosoye ivyo kubaka, inyuma y’aho ikiraro c’i Karonke muri komine Kabezi mu ntara ya Bujumbura kibomotse, nk’uko biherutse kuba n’ahandi. Ku bwiwe ngo ibiraro n’amabarabara birabangamiwe cane n’inkukura.
IV. Kubw’umuhinga mu butunzi, ngo Uburundi burakeneye kubaka kijambere amabarabara n’ibitarurwa kugira bateze imbere ubutunzi. Bisigurwa na Faustin Ndikumana, akavuga ko leta ikwiye gukosora integuro yayo yo kurondera amafaranga, iyo nayo ngo ntahandi ica atari mu gufashanya n’amakungu.
V. Ikena ry’isukari mu Burundi ryavuye ku bukene bw’amafranga y’agaciro yahora akoreshwa n’ishirahamwe ITRACOM risanzwe rikorana n’ihinguriro rihingura isukari SOSUMO. Ishirahamwe ITRACOM rikaba ritararonka ingene rija kuzana amatoni ibihumbi bine ryategerezwa kuba ryarahaye SOSUMO mu mpera z’ukwezi kwa kane. Amakuru ava mu bakorana n’ayo mashirahamwe akavuga ko bompi barindiriye ko ibanki nkuru igira ico ikoze, kugira ico kibazo kive mu nzira.
VI. Abavyeyi bari bakwiye guhaguruka bakiyamiriza bivuye inyuma abarezi bafata ku nguvu abana bajejwe kurera. Ivyo bivugwa na Eulalie Nibizi yahoze atwara sendika y’abigisha STEEB. Ivyo yabivuze mu gihe hagize iminsi hibonekeza abigisha bafata ku nguvu abana ntibahanwe, aho vyigaragaje mu ntara ya Makamba. Eulalie Nibizi agasaba ubushikiranganji bw’indero gukurikiranira hafi ico kibazo.
VII. Impunzi ziba mw’ikambi ya Mahama zirakomerewe muri ino misi, inyuma yo gushirwa mu vyicaro bitatu bivanye n’uko imiryango ibayeho. Abashizwe mu cicaro ca gatatu nta kintu na kimwe kijanye n’ibifungurwa bazohabwa, mu gihe bahora baronswa amafaranga 3040 ku kwezi. Bamenyesha ko iyo ngingo idahinduwe bagiye kwicwa n’inzara. Uwuserukira izo mpunzi Jean-Bosco Kwibishatse amenyesha ko bariko baratakambira umukuru w’igihugu na HCR kugira izo mpunzi ntizicwe na kigoyi.
VIII. Ubushikiranganji bw’ Uburundi bujejwe imigenderanire n’ibindi bihugu buheruka kwandikira ikete ubuserukizi bw’igihugu ca Républika iharanira intwaro rusangi ya Congo mu Burundi, ku matati ari hagati y’ivyo bihugu ku vyerekeye i parcelle ya Ambassade y’Uburundi iri i Kinshasa ku mugwa mukuru wa Congo, yanyazwe. Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bwibutsa ubuserukizi bwa Congo mu Burundi ko atagikozwe kugera kw’igenekerezo rya 31 Kigarama uno mwaka kugira iyo parcelle izobe yasubijwe Uburundi, leta y’Uburundi izoca igira ingere ku yindi yihagire amatongo Congo ifise mu Burundi. Kubwa Emmanuel Nkengurutse yahoze ari umukenguzamateka, yanonosoye n’ivy’amategeko, hakenewe inyishu iciye muri diplomatie mu kwirinda imishamirano yokwaduka hagati y’ivyo bihugu bibiri.