I. Imiduga ine yaraye iguye mu mutego w’abitwaje ibirwanisho. Abantu 11 barahasize ubuzima. Ivyo vyabaye mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana rishira uwa mbere, kw’ibarabara ry’igihugu nimero zibiri RN2 mu ntara ya Muramvya. Amakuru ava ku bitaro vy’i Muramvya yemeza ko hari abandi bantu barenga 10 bakomeretse. Bamwe mubari aho bakemeza ko n’imiduga ibiri yaturiwe.
II. Mw’ishirahamwe FOCODE, basaba abategetsi b’igihugu, gukora amatohoza yihuta kuri ubwo bwicanyi bwaraye bubereye mu ntara ya Muramvya, abagirirwa n’icaha bagahanwa n’amategeko, atankunzi. Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE.
III. Hari umuyabaga w’umusore yaraye yishwe atorwa ikiziga mu mufurege hafi i muhira iwabo muri quartier Kizingwe – Bihara ya zone ya Kanyosha ya komine MUHA. Abanyagihugu bakibaza ko vyoba bifitaniye isano n’imvo za politike. Bagasaba ko umutekano wocungerwa kuruta, na rirya uyo yishwe akurikiranye n’uyundi yatowe ikiziga mu nzu ku musi wa gatandatu, nawe akaba yari umumenyeshamakuru yakorera radiyo Culture.
IV. Amabi akorwa mu Burundi aracari menshi harimwo n’urudandazwa rw’abakenyezi rwiyongera ku yandi mabi adasiba gukorerwa abanyagihugu. Umuhari uharanira amahoro n’umutekano mu Burundi ukababazwa n’uko ivyo biriko biraba mu gihugu citwa ko kirimwo inzego zikwiye. Umushingwamanaza Immaculée Hunja arongoye uyo muhari akaba abishikirije mu gihe uyo muhari uriko uribuka kuri uyu wa mbere, imyaka 6 iheze aho ku genekerezo rya 10 rusama umwaka wa 2015 batanguje imyiyerekano basaba iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro.
V. Abantu 4 baritavye Imana, abandi batamenyekanye igitigiri barakomereka, biturutse kw’isanganya ry’imodoka yo mu bwoko bwa coaster yunguruza abantu y’ishirahamwe Tramwex. Ivyo bikaba vyabereye ejo ku musi w’Imana kw’ibarabara ry’igihugu No 18 rya Nyakararo-Mwaro, igeze ku musozi Nyagahwabare wo muri komine Gisozi.
VI. Kiosques zitanu nazo zuzuye ibidandazwa ni zo zaraye zihiye mw’iri joro ryakeye ryo ku musi w’Imana buca ari ku wa mbere, biturutse ku mucanwa wiyadukije muri Kiosque idandarizwamwo impuzu. Iryo sanganya rikaba ryabereye kuri centre ya Buraniro iri muri komine Butaganzwa, mu ntara ntara ya Kayanza.
VII. Gushira impunzi za Mahama mu mice gushika aho usanga hari abatagifashwa; abitwa ngo barafashwa nabo bagahabwa intica ntikize n’ibara ku mutemere. Bivugwa na Frederiko Bamvuginyumvira arongoye CFOR-Arusha. Yahoze anarongoye igisata ca Leta kijejwe kwakira no gusubiza muzabo abahunguka. Amenyesha ko izo mpunzi zikwiye gufashwa kugira ntihagire abihebura ngo bakore ibitegetswe n’umwiheburo. Amenyesha ko ico kibazo bamaze kugishikiriza ibihugu bisanzwe bifasha kugira abo barundi bafashwe narirya ico bahunze kigihari.
VIII. Ihadabu riri hagati y’ibihumbi mirongo itanu n’amajana abiri niyo yaciwe bamwe mu badandaza ibinyobwa vya Brarudi mu gisagara ca Rumonge. Bagirijwe n’igipolisi hamwe n’abajejwe intwaro kuba bariko bagurisha inzoga ku giciro gihanitse. Abo badandaza bo barabihakana, bakamenyeshako inzoga bisaba ko bazikura i Bujumbura zigashika zibazimvye.
IX. Abatozakori bo mu ntara ya Makamba baridoga muma komine atandukanye agize iyo ntara. Iyo myidogo ikaba ituruka ku gahembo k’intica ntikize bahawe, inyuma y’ukwezi bari kukivi kandi barerekanye isemo ku mwimbu binjiriza amakomine.