Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/05/2021

Publié le 11 mai 2021 par Rédaction
I. Abagabo 2 barara izamu kuri koperative ya Gisanze muri komine ya Gashoho y’intara ya Muyinga, baraye bagandaguwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere. Ababagandaguye bakaba basize banyaze urukombamazi iyo koperative.
II. Umuntu umwe yaraye apfuye yishwe na grenade. Ivyo vyabaye hafi isaha zibiri z’ijoro kuri uyu wa mbere, ku musozi Cunyu muri komine Buganda intara ya Cibitoke. Amakuru avayo yemeza ko uwo yapfuye, Niyimbona Jackson, yarikumwe na se bavuye kwizimya akanyota batashe ariko se wiwe yararokotse. Umwe mu bajejwe intwaro ku musozi Cunyu, avuga ko uwateye iyo grenade yoba yarashaka kwica se w’uwo muhungu, kuko yagirizwa uburozi. Kuri uyu wa kabiri igipolisi cazindutse gusaka imihana yegereye aho hatewe grenade, kikaba cafashe umutama umwe ku mvo z’amatohoza. Ababuze uwabo, bagasaba ko ukuri kumenyekana ku bamwishe.
III. Abitura ubuyobozi bujejwe abinjira n’abasohoka mu Burundi PAFE barondera kuronswa impapuro z’inzira, ngo ntibakizironswa nk’uko bisanzwe mu gihe cagenywe. Kugira ngo umuntu aronke ico arondera, bisaba gupfumbatisha bamwe mu ba polisi bakora kuri PAFE canke ukabanza kubonana n’umuyobozi mukuru.
IV. Uwujejwe kwegeranya amafaranga ku mato azana ibidandazwa ku kivuko ca Rumonge arapfungiwe mu gasho k’inyamiramabi ka Rumonge kuva kuri uyu wa gatanu. Uwo asanzwe arongoye umugambwe CNDD-FDD muri zone Kigwena yo muri komine n’intara ya Rumonge, yagirizwa inyururuzwa ry’amafranga atozwa kur’ico kivuko. Abanyagihugu bo mu ntara ya Rumonge bakaba basaba ko yohanwa hakurikijwe amategeko.
V. Kw’ishure shingiro rya Ceru ya mbere muri komine n’intara ya Kirundo, hari umwigisha amaze imyaka ibiri adakora ariko akabandanya ahembwa. Mu kibanza ciwe, bahashize umukutsakivi. Uwo mukutsakivi, agashirukabute yakoreye mu myaka ibiri kagera ku bihumbi 500.000 vy’amafaranga y’amarundi, n’ubu ntarayaronswa, kandi kari akigoro k’abavyeyi baharereye. Abigisha bagiriza umuyobozi w’iryo shure ko ariwe yanyuruje ayo mafaranga, akongera agakingira uwo mwigisha yataye akazi.
VI. Ibifungurwa vya nkenerwa ntibikiboneka mu ntara ya Rumonge kuva aho ibarabara rya Bujumbura-Rumonge ricikiye ku kiraro c’uruzi kirasa. Amakuru ava muri iyo ntara avuga ko ubu mw’isoko hera. Abanyagihugu bagatinya ko bashobora kwicwa n’inzara hamwe ibarabara ritokorwa vuba.
VII. Iragi rya Robert Nesta Marley abandi bakamwita Bob Marley riracafasha urwaruka rwo kw’isi. Inyuma y’imyaka 40 yitavye Imana, iragi ry’uyo mu nya Jamaika ribandanya rifasha mu gushirimbere urukundo nk’uko yagiye arabiririmba. Ivyo bishikirizwa na David Gakunzi umwanditsi w’umurundi. Akaba abivuze mu gihe abakunzi ba Bob Marley kuri uyu wa kabiri bariko baribuka urupfu rwiwe, akaba yitavye Imana afise imyaka 36 gusa. Ku bwiwe, ngo ivyiyumviro vya Bob Marley birafasha mu rugamba rwo kurwanya akarenganyo, nk’uko vyabonetse mu Burundi mu 2015, aho urwaruka rwagumye rufatanye mu nda mu guharanira ko amategeko yubahirizwa.

Ibindi bisa n'ibi