Abanywanyi b’umugambwe CNL bo ku mutumba Bigera wa zone Mparamirundi commune Busiga n’intara ya Ngozi bashika kuri 5 barataye barahunga kubera kuburabuzwa n’urwaruka rw’imbonerakure n’abajejwe intwaro. Umwe mu bahunze avuga ko kumusi wa mungu uheze yagirijwe gushikiriza amajambo atera ubwoba, aca atangura guhigwa n’imbonerakure. Akavuga ko n’imbere yo guhunga yagiye atangishijwe ihadabu n’uwurongoye imbonerakure.
Iruhande yintambara y’amasasu mu Burundi haradutse intambara yo kumenyesha amakuru atari iyo hakoreshejwe ubuhinga ngurukana bumenyi cane cane iyo hadutse intureka mu gihugu. Ivyo ni ibishikirizwa na Jean Régis Nduwimana umuhinga mu vyo kumenyesha amakuru inyuma y’igitero cabaye kur’uno wa kabiri mu ntara ya Bubanza , aho inyuma y’ico gitero herekanywe amasanamu menshi cane yitwa ko ariko yerekana ivyabaye. Kubw’uwo muhinga ngo kwerekana amasanamu atari yo nta yindi ntumbero bifise atari ugutera ubwoba no guca intege umukeba. Jean Regis Nduwimana akabona rero ko aho ariho hari akazi k’umumenyeshamakuru ko gutanga amakuru yo, kuko aba yarabinonosoye.
Umugwi w’umupira w’amaboko ‘’basketball ‘Les Gazelles’ waraye utsinzwe impaga ivyo bita forfait inyuma y’ugukina urukino rumwe mw’ihiganwa rya zone ya 5 ririko rirabera mu gihugu ca Tanzania. Ihadabu ingana 4000 vy’amadorari y’amanyamerika niyo ishirahamwe ry’umupira wa basket ball mu Burundi rizoriha. Icatumye haba iyo forfait n’uko umurwi les Gazelle utatwaye umusifuzi be n’umuganga. Ubu rero hakaba hibonekeza gutanako ishavu hagati y’uburongozi bwa federation hamwe n’uwo mugwi.
Inyuma y’intambara zo kur’uyu wa kabiri hagati y’igisirikare c’uburundi n’abitwaje ibirwanisho, amakenga ni menshi mu miryango imwe imwe batwaye ababo babagiriza gukorana n’iyo migwi. Ayo makenga kandi ari mumiryango y’imbonerakure zimwe zimwe zo mu ntara ya Bubanza zahawe ibirwanisho zikaja kurugamba, bakaba batazi ko bakiriho canke bapfiriye mur’iyo ngwano. Kuva kur’uyu wa gatatu, hakaba hibonekeza abasirikare n’abapolisi benshi muri komine Musigati bacungereye umutekano.
Amasezerano aherutse kwemezwa hagati y’inzego z’igipolisi z’ibihugu vy’uburundi na Tanzaniya, aratanguye guhungabanya impunzi z’abarundi muri Tanzaniya. Ubwoba bukaba ari bwinshi mu mpunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’i NDUTA muri Tanzaniya biturutse kw’ihagarikwa ry’urutavanako ririko rigirirwa bamwe muri bo. Akarorero ka vuba n’aka NDAYISENGA Moise yahagaritswe n’urwego rw’iperereza rwa Tanzaniya rumwagiriza gutunga ibirwanisho. Muri kino gihe, uwo muryango ukaba utekewe n’ubwoba, ugasaba ishirahamwe HCR gukurikirana hafi ico kibazo.
Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abamenyeshamakuru FIJ risaba rishimitse leta yi Bujumbura kurekura abamenyeshamakuru 3 n’umushoferi wabo bo mu kinyamakuru IWACU bafashwe barapfungwa kur’uyu wa kabiri aho bari bagiye gutohoza ibijanye n’igitero cabaye mu ntara ya Bubanza. Antony Bellanger, umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe avuga ko biteye isoni kubona abamenyeshamakuru bafatwa bariko bakora umwuga wabo ata kosa bakoze. Agasaba abarongoye kwitondera bino bihe bitoroshe igihugu kiriko kiracamwo.