I. Abanywanyi batatu bakomeye b’umugambwe UPRONA wemewe n’ubutegetsi baraye birukanywe burundu, haba mu nzego nyobozi bari basanzwemwo eka no mu mugambwe. Iyo ngingo yafashwe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 11 Rusama 2021, bisabwe n’abarongoye umugambwe mu ntara zose. Uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo, umushingamateka, Isidore Mbayahaga hamwe na Anicet Niyongabo, umukenguzamateka bariyamiriza iyo ngingo bafatiwe, bakavuga ko yafashwe n’inzego zitabifitiye uburenganzira. Uwurongoye uyo mugambwe Abel Gashatsi aremeza ariko ko iyo ngingo yafashwe hakurikijwe amategeko.
II. Umugambi wo gushaka gusubiza hamwe amashami y’umugambwe w’abadasigana UPRONA ntakindi ugamije atari ugushaka kwereka amakungu ko mu Burundi intwaro ihari ihurikiyemwo bose. Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe n’umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Emmanuel Nkengurutse avugira uyo mugambwe w’abadasigana Uprona utemewe n’ubutegetsi, asigura ko n’abo bitwa ko bariko basubiza hamwe, bari mu kwaha kw’umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi.
III. Amezi hafi 2 niyo urubanza rwa Germain Rukuki rumaze mu mwihererero muri sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa. Ico kiringo gihonyanga igitabo kigenga uko imanza zicibwa co mu 2018 gitegekanya ikiringo kitarenza ukwezi, nkuko bisigurwa na Me Janvier Bigirimana yanonosoye amategeko. Asaba abacamanza bari muri urwo rubanza kugaragaza ubwigenge bwabo mu gusoma amategeko.
IV. N’ubu nta gahengwe ku mpunzi z’abarundi zahungiye muri Tanzaniya. Biri mu cegeranyo c’amezi atatu aheze casohowe n’ihuriro ry’abaharanira agateka k’impunzi zo muri Tanzaniya (Dynamique pour les droits des réfugiés en Tanzanie). Iryo huriro rirerekana ingene agateka k’impunzi kabandanya gahonyangwa mu makambi ya Nduta na Mtendeli kuva mu kwezi kwa kabiri gushika mu kwezi kwa kane uyu mwaka. Abantu babiri barishwe, haraba n’ubusuma incuro zine harimwo bubiri bw’abitwaje ibirwanisho. Icegeranyo c’iryo shirahamwe kiravuga kandi n’impunzi zasinzikarijwe ubuzima, izindi na zo zikanyuruzwa.
V. Amafaranga yagenewe inkino, abanyeshure, abavyeyi n’abayobozi b’amashure mu ntara ya Makamba babona ko adakoreshwa ico yagenewe. Baremeza ko mu mahiganwa abana babura amafaranga yo kwivuna umusase, kandi abavyeyi baba barayatanze. Bagasaba mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Makamba ko haba umuco mw’ikoreshwa ry’ayo mafaranga, aho umuvyeyi ategerezwa gutanga amafaranga 1000 kuri buri mu nyeshure.
VI. Abaforoma mu Burundi ngo bugarijwe n’ingorane nyinshi harimwo uburyo n’ubuhinga. Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe kw’igenerezo rya 12 Rusama, amakungu ahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe umuforomakazi. Barasaba gukarihirizwa ubwenge kugira bashobore kwakira abarwayi neza.