I. Umumenyeshamakuru François Bizimana yahora mu buhungiro mu gihugu c’Urwanda yaraye ahitanywe n’isanganya ryo mw’ibarabara. Ni umubabaro kuri bagenzi we bahora bakorana, mu runani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ barababajwe n’urwo rupfu rwashitse giturumbuka. Alexandre Niyungeko arongoye UBJ avuga ko François Bizimana yarazwi nk’umumenyeshamakuru yakunda cane umwuga wiwe, agakorana akazi umwete n’ubwira.
II. Abantu mirongo ine na batatu nibo bamaze gufatwa bakekwa ku gitero c’imirwi yabitwaje ibirwanisho giheruka kuba mu ntara ya Muramvya ku musi wa Mungu uheze. Muri bo higanjemwo abahoze mu gisoda ca kera Ex-FAB hamwe n’abanyeshure bari baronkejwe impapuro z’umutsindo kw’ishure rya komine Murambi. Kuri uyu wa kane bakaba biriwe barasambishwa ku kibuga c’ibiro vya komisariya aho i Muramvya.
III. Sentare nkuru y’igihugu yo mu ntara ya Muyinga mu ntahe yayo y’ikibiriraho yo ku wa gatatu, yahanishije abagabo 2 bo ku mutumba wa Bonero muri komine ya Gashoho, ari bo Claude Niyonzima na Janvier Niyoyitungiye, umunyororo wo gufungwa ubuzima bwabo bwose. Nayo Emile Kavamahanga akaba yarejejwe na Sentare. Abo bantu bakaba bagiriwe icaha co kwica abantu babiri no gusahura amahera atazwi igitigiri muri koperative.
IV. Imyaka itandatu iraheze hari abasirikare bashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza. Ukwo kugomba gutembagaza ubutegetsi, abasirikare babikoze inyuma y’indwi zitatu abanyagihugu bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, bavuga ko kidakurikije amategeko. Kuva ico gihe igihugu caciye kija mu magume, harabaye n’ubwicanyi n’ayandi mabi bitasize inyuma abari mu nzego z’umutekano.
V. Inyuma y’uko gushaka guhirika ubutegetsi, bamwe mubanyepolitike, abamenyeshamakuru, n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike baraciriwe igihano c’uguherayo n’ubutungane bw’Uburundi bagirizwa kugira uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi. Kubw’umushingwamanza Janvier Bigirimana ngo urwo rubanza ntirwisunze na gato amategeko.
VI. Kuri uno wa kane niho aba Islam bo kw’isi bahimbaza umusi mukuru wa Eid El Fitr wo gusozera amafungo. Bamwe mu ba Islam bavuganye na radio Inzamba agateka kawe bavuga ko uyu musi ushitse bari mu bukene biturutse ku kiza ca coronavirus, catumye urudandazwa rwabo rutagenda neza. Bamenyesha ko bahora baja kurondera ibidandazwa hanze y’igihugu ariko muri kino gihe batagenda kubera imbibe zugaye. Basaba ababijejwe kwugurura imbibe kugira bashobore gukora urudandazwa neza.
VII. Abanyagihugu bo mu muryango wa Islam mu ntara ya Rumonge bavuga ko bitaboroheye guhimbaza umusi mukuru wa Eid El Fitr bivuye ku biribwa bitaboroheye kuronka. Ivyo bikaba vyaturutse ku kiraro gihuza intara ya Rumonge na Bujumbura cacitse.
VIII. Aba Islam b’abarundi bahungiye mw’ikambi ya Mahama ntibawuhimbaje uwo musi mukuru uko vyahora. Bamenyesha ko mu bisanzwe bahora basangira bike bafise bavuye gusenga, ariko uno mwaka bamenyesha ko bitagenze neza nkuko vyahora biturutse ku kiza ca covid-19 n’ubukene barimwo.