I. Amazu yahoze akoreramwo iradiyo RPA hamwe na Télévision Renaissance birangwamwo ivyatsi n’iyindi myanda itandukanye. Ivyo biri uko inyuma y’imyaka 6 iheze ivyo binyamakuru bitewe n’inzego za leta biraturirwa, hari kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2015. Abasanzwe begereye ivyo bibanza basaba leta kwugurura ivyo binyamakuru kugira hasubire gusanurwa, ivyo binyamakuru bisubire gukora nk’ibindi ku neza y’abanyagihugu.
II. Kubwa Bob Rugurika arongoye iradiyo RPA ngo ivyo vyose biva ku bantu bashaka kuguma ku butegetsi ku nguvu. Bob Rugurika amenyesha ko ubutungane aho gufata abaturiye ayo maradiyo, bwihutiye guhana bene gutotezwa ariko ngo nta gitangaje kirimwo.
III. Hari umutamakazi w’imyaka 85 wo muri zone Maramvya mu gisagara ca Bujumbura asaba atakamvye umukuru w’igihugu kumutunganiriza. Imvo ngo n’akagwi k’abantu bamunyaze i parcelle yiwe bayubakamwo inzu. Agize aritura abajejwe intwaro muri iyo zone ngo ntakindi bakora atari ukumutererana iyo agize Imana ntibamufunge. Mu runani FORSC ruhurikeyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, basaba ubutegetsi guhagurukira abatware nk’abo badatunganiriza umunyagihugu abituye ari mu magorwa.
IV. Bamwe mu baba muri quartier Miroir ya zone Buterere, komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura barerekana agashavu batewe n’inyifato y’abapolisi. Abapolisi bakaba bari bazindutse kuri uyu wa gatanu baja gusaka. Ababibonye bemeza ko baza barasaba amahera y’igiturire kugira barekure abo bagirije kuba badafise ibibaranga bikwiye. Abanyagihugu bagasaba ko abo bapolisi bohanwa.
V. Abigeme babiri harimwo umunyeshure wo kuri lycée Sainte Famille mu Minago bari mu gasho k’igipolisi mu Rumonge, kuva kuri uyu wa gatatu. Amakuru ava mu ntara ya Rumonge avuga ko boba bafashwe n’abakozi b’iperereza. Imiryango yabo ikaba isaba ko umutekano wokubahirizwa.
VI. Hari abantu cumi n’umwe bapfungiwe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Rutana. Bagirizwa icaha co gusahura abantu bavuye mu gihugu ca Tanzaniya. Imiryango yabo isaba ko borekurwa kuko ivyo bapfungiwe ari irementanya bakorewe. Basigura ko na Sentare yabarekuye ariko bakaba batabona impamvu baguma mu buroko. Bagasaba abafise ijwi rishika hejuru kubatabariza kugira ngo barenganurwe.
VII. Abanyagihugu bakoresha ibarabara rihuza amakomine ya Ntega na Kirundo mu ntara ya Kirundo, basaba ko umuringoti w’amazi wamenetse amazi agatembera mw’ibarabara kugeza aho ridakoresha, wosanurwa vuba kugira iryo barabara risubire kuba nyabagendwa. Mu ntwaro muri komine Kirundo bakemeza nyabuna ko uruja n’uruza hagati y’ama komine ya Ntega na Kirundo ruhari kubera ko ibiraro vyose bimeze neza.