I. Haribonekeza ikena ry’ibikoresho bitandukanye vyo kwubaka mu ntara ya Makamba. Iryo kena rikaba rituma abariko barubaka bahahombera na cane cane ko bakoresha amahera baba basavye ideni mu ma banki.
II. Imyidogo ni myinshi kuri bamwe mu banyagihugu baba mu gisagara ca Kayanza no mu micungararo yabo, kubera iduzwa ry’ibiciro vy’ibifungurwa nkenerwa rigize iminsi ryibonekeza muri ico gisagara.
III. Inama nshingwantwaro be na komite ikurikirana uko ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana mu ntumbero yo kwiteza imbere UCOD yaraye itanze umuco ku bibazo bimwe bimwe vyari vyashikirijwe na bamwe mu bakozi b’iryo shirahamwe. Abo bakozi bagiriza umuyobozi ko yoba atariko arangura neza akazi yashinzwe, ko guhagararira ishirahamwe n’abakozi.
IV. Umugwi wa Kern, Messager Ngozi, New Star na Young Eagles niyo izokina igice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’Uburundi muri basketball. Bubaye ubwa mbere aho muri ico gice hashika imigwi ibiri yo mu ntara.
V. Mu kiganiro Kw’Isôko c’uno musi, tubashikiriza ingene umusi mukuru wa Eid El Fitr wahimbajwe, n’akamaro k’ukwezi abari mw’idini rya Islam bari bamaze bisonzesha.