I. Umuntu umwe yarishwe uwundi arakomereka cane mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana ku musozi wa Gahaga, muri komine Bukeye iri mu ntara ya Muramvya. Ivyo bikaba vyakozwe n’umurwi w’abantu bitwaje ibigwanisho bataramenyekana.
II. Ubwicanyi bubandanya bwibonekeza mu Burundi mu gihe n’ababa bakorewe ubwo bwicanyi ata n’ubutungane buhari bwo kubatunganiriza kuko uyu munsi buri mu kwaha kw’ubutegetsi. Ivyo bishikirizwa na Frederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, inyuma y’ubwo bwicanyi bwaraye bubereye mu ntara ya Muramvya. Frederiko Bamvuginyumvira agasaba ubutegetsi gukura ibigwanisho mu banyagihugu no kuzana amahoro arama mu mitima y’abarundi.
III. Abantu 37 barafashwe n’igipolisi kuri uyu w’Imana ku mutumba Kabumba muri zone Ruyaga, komine Kanyosha, mu ntara ya Bujumbura, mu nyuma y’igikorwa co gusaka cakozwe n’igipolisi gifashijwe n’abasirikare bakorera muri ako karere. 35 muri bo, nta makaye y’ingo bari bafise, abandi 2 nabo bafatanywe urumogi, nk’uko vyemezwa n’abari mu ntwaro no mu gipolisi. Abo bantu bose baciye bajanwa kw’i komine, 35 bacibwa ihadabu; abo bafatanywe urumogi 2, ngo bategerezwa gukwirikiranwa mu butungane.
IV. Ni nde ategeka koko mu Burundi? Anschaire Nikoyagize arongoye umuhari w’agateka ka muntu Iteka yibaza inyishu y’ico kibazo afatiye ku majambo meza ashikirizwa na Evariste Ndayishimiye ariko ntaje mu ngiro. Irya vuba niryo yavugiye i Mitakataka mu ntara ya Bubanza ku wa gatanu uheze. Yari aramutse yitaba ibirori vyo gutanguza umwaka wa kaminuza wa 2020 ushira w’2021 mw’ishure kaminuza ry’igipolisi i Bubanza. Umukuru w’igihugu akaba yaragabishije yongera arihaniza uwo wese aja kubiri n’amategeko amugenga ko atazokwihanganirwa. Ligue Iteka iti nta cizere ko bizoja mu ngiro.
V. Umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH ntaco wigeze ukora kugira utere imbere mu bijanye no gukingira abanyagihugu, mu vyerekeye agateka ka zina muntu, inyuma y’aho ukuriwe mu kibanza bita statut A ugashirwa mu kibanza ca Statut B. Abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi baratangazwa n’ingene aho gukora ivyo umugwi ujejwe, nyabuna witaho gusa kuvanwa muri ico kibanza ata bikorwa biboneka. Umushingwamanza Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC kw’izina ry abaharanira agateka ka zina muntu asaba amashirahamwe ajejwe gushira bene ayo mashirahamwe mu bibanza, kugumiza CNIDH muri Statut B gushika uyo mugwi wihanuye. Akavuga ko n’uwurongoye uyo mugwi yitwara nk’umunywanyi w’umugambwe uri ku butegetsi.
VI. Kuva kuri uno wa mbere, ingenzi zinjira mu Burundi ntizisabwa kwishira mu kibanza ca bonyene zirindiriye ibipimo vy’umugera wa Covid-19. Iyo ngingo yafashwe n’umugwi ujejwe gukinga ikwirakwira ry’umugera wa corona ; Muganga Jean Baptiste Nzorironkankuze, umunyamabanga w’uwo mugwi, yabishikirije inyuma y’inama yo kwihweza uko ibijanye n’umugera wa Covid vyifashe mu Burundi, inama yakoranye kuri uyu wa mbere.
VII. Imyidogo ni myinshi mu bavyeyi barereye mu buyobozi bw’amashure muri komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba. Badomako urutoke abayobozi bunguruza mu mashure abana bayobewe ku yandi mashure. Akarorero n’ak’uwahora ari umuyobozi kw’ishure nshingiro ya Mugerama ya mbere, aheruka kwunguruza mw’ishure abana babiri bavuye ahandi batamenye, abahaye ama bulletins ya magendo.
VIII. Kubwa Eulalie Nibizi, yahoze arongoye sendika y’abarimu STEEB, ngo kuva muri kahise ubwo busuma bw’amanota bwaribonekeza mu ntara ya Makamba. Agatangazwa n’ingene ico caha kidahanwa. Asaba abajejwe indero ku rwego rw’igihugu guhana vy’akarorero abakora mwe n’ubwo busuma, kuko kenshi usanga igihano kigarukira ku munyeshure gusa.
IX. Ingaruka ziturutse kw’ibomorwa ry’amazu y’idandarizo ari ku mabarabara yo mu gisagara ca Rumonge zatanguye kwibonekeza kubahakorera ndetse no kubahagurira ivyankenerwa. Abazikoreramwo n’abazisumiramwo bakaba bifumbereje, ubu ntibagira ayo bacira n’ayo bamira kubera bakora rugendo runini kugira basume ivyankenerwa mu miryango.
X. Inkino z’igikombe ca buraya mu mupira w’amaguru Euro zirabandanya ku musi ugira kane. Ibihugu bikomeye kuri uwo mugabane w’isi bikaba vyarashitse ku ntsinzi ya mbere. Muri America Y’epfo naho inkino zihuza ibihugu bita Copa America zaraye zitanguye.