Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/06/2021

Publié le 15 juin 2021 par Rédaction
I. Abantu babiri baraye bakomeretse batewe grenade aho bari baryamye mw’ijoro ry’uwu wa mbere rishira uwa kabiri. Vyabereye muri karitiye Karera ya mbere mu gisagara ca Gitega. Umuntu umwe akaba yafashwe ku mvo z’amatohoza, nk’uko amakuru ava aho mu ntara ya Gitega abivuga.
II. Ukwezi kurarangiye uwahoze mu gisirikare Ex-FAB anyurujwe ku mugwa mukuru wa komine Mabanda. Uwo nawe akaba azwi kw’izina rya Hamenyimana Karori, akaba yarasanzwe ari n’umumenyeshamana mu bubwiriza bw’ishengero anglicane rya Muterama rikukira paroisse anglicane Mabanda. Akaba yanyurujwe ari gukoresha ipikipiki mu ruganda bita garage ku mugwa mukuru wa komine Mabanda, intara ya Makamba. Umuryango wiwe ugasaba ko hoba amatohoza kugira ngo uwabo aboneke.
III. Parike ya Gitega yasabiye umunyororo wo gupfungwa imyaka umunani umuntu asanzwe agendana indwara zo mu mutwe. Emmanuel Ntakiyiruta asanzwe apfunzwe haraheze amezi atatu, akurikiranwa ku caha co kwifatira mu gahanga inzego z’igihugu no guhungabanya umutekano wazo. Igihano yasabiwe abanonosoye amategeko bavuga ko giteye kubiri na yo, bagasaba nyabuna ko yorekurwa atakirinze gusabwa, akaja kwivuza.
IV. Leta y’Uburundi imenyeshako yateye intambwe mu gukingira agateka ka zina muntu ku bana. Ivyo biri mw’itangazo ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu bwasohoye kuri uyu wa kabiri, aho buca hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe umwana w’umunyafrika. Célestin Sindibutume, umugenduzi mukuru muri ubwo bushikiranganji, yavuze ko ubwo bushikiranganji bwahisemwo guhimbaza uyo musi muri site Sobel mu Maramvya, ahari abana bahuye n’imyuzurira mu Gatumba.
V. Ingingo yo kubuza gushorera mu mahanga amamesa iherutse gufatwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ngo siyo izotuma ubukene bw’amamesa buhera mu gihugu. Uko niko bisigurwa na bamwe mu barimyi n’abadandaza b’ibigazi, babona ko imvo y’ubukene bw’amamesa bwatumye igiciro cayo kiduga ari uko ibigazi bisigaye nyabuna bishorerwa mw’ishirahamwe SAVONOR, ribirangura ku giciro cisununuye.
VI. Imwe mu miryango ikenera isukari iridogera abadandaza bo mu ntara ya Muyinga bazana isukari, ko ata gahengwe karaboneka kuva mu kwezi kwa Ndamukiza gushika ubu, ku bijanye n’ikena be no kuzimba kw’isukari iyo vyashitse ikaboneka. Bagasaba abajejwe intwaro n’igipolisi guhasha abadandaza bikika mu kiza, aho haheze hafi ukwezi hari abagurisha ikilo c’isukari amahera 7000.
VII. Birakenewe cane ko abantu bose binjiye mu gihugu c’Uburundi, baciye ku mipaka itandukanye, bashirwa mu kibanza ca bonyene mu kurindira inyishu z’ibipimo vy’ikiza ca Covid-19. Ivyo bishikirizwa n’umuhinga mu bijanye n’indwara z’ivyaduka Come Konakuze, inyuma y’aho kuri uyu wa mbere hasohotse itegeko rikuraho iyo ngingo. Uyo muhinga avuga k’uyo mugera ushobora kwihisha mu minsi ya mbere, kandi abawugendana bakabandanya banduza abandi. Agasaba Leta gushiraho amategeko akurikirana uruja n’uruza rw’abantu bajabuka imbibe, igashiraho n’amategeko akingira abanyagihugu Covid-19.
VIII. Imigwi iri mw’ihiganwa rya buraya ry’umupira w’amaguru uno musi, yose iraba ihejeje urukino rwa mbere. Urwitezwe gusumba izindi ni uruza guhuza Ubudagi bwakira Ubufaransa. Iyi migwi yari imenyereye guhurira mu bice bikomeye, izotuma hagati yayo na Portugal, hari umwe utarengana igice ca mbere.

Ibindi bisa n'ibi