I. Umuntu umwe yarishwe atemagujwe umupanga ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri. Ivyo vyabereye ku mutumba Rukago wo muri komine Gahombo, mu ntara ya Kayanza. Abakoze ubwo bwicanyi bakaba bataramenyekana. Amakuru ava ahabereye ubwo bwicanyi, amenyesha kw’igipolisi caciye gihagarika abari kumwe n’umuhisi, mu ntumbero y’amatohoza.
II. Hari imisore ibiri yimba inzahabu yatowe ari ibiziga mu nzu babamwo ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri, mu gacimbiri Runyanzari umutumba Nyamihana, zone Rubona, komine Mugina y’intara ya Cibitoke. Amakuru atangwa n’uwurongoye zone Rubona, André Ntunzwenimana avuga ko iyo misore yoba yahawe isumu mu bifungurwa bariye, mu gihe bari bavuye kwimba inzahabu, aho uko bari batatu umwe yahavuye akira mu gihe baciye bamutwara kwa muganga. Uyo mutware akavuga ko hataramenyekana abakoze ivyo. Igipolisi kikaba caciye gifata abantu 9 ku mvo z’amatohoza. Amanama yo guhumuriza akaba yatanguye kugira ntihagire abokwihanira kubera agashavu. Imiryango y’abo bantu bishwe basaba ubutungane kunyarutsa amatohoza kugira hamenyekane abishe abo bantu.
III. Nta ntambwe iraterwa mu gateka k’abana mu Burundi mu gihe hibukwa umwana w’umunyafrika kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 16 Ruheshi. Mu gisagara ca Bujumbura, abana batera bagwira mu mabarabara aho batunzwe no gusegereza, iyo ngendo ikaba iteye impungenge umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka muntu CNIDH, usaba leta gukora ibishoboka kugira abo bana bave muri ubwo buzima bwo mw’ibarabara.
IV. Uyu munsi niho uwatowe nk’umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu CPI Karim Asad Ahmad Khan yarahira imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha ya la Haye mu buhollande. Yari yatowe mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka. Gustave Niyonzima umwe mu bashingwamanza baburanira abarundi bakorewe amabi kuva mu mwaka wa 2015, amenyeshako bafise icizere ko ama dossiers y’abarundi bahohotewe azoyakurikirana agatera imbere. Gustave Niyonzima arongoye urunani CAVIB ruhurikiyemwo abashingwamanza baburanira abahohotewe mu Burundi imbere ya sentare mpuzamakungu.
V. Abarongoye ikigo kijejwe uruja n’uruza mu mazi mu Burundi baraye bafashe ingingo yo gutoza amafaranga angana n’amadolari ya amerika 105 ku bwato buroba mu kiyaga Tanganyika. Abarongoye ico kigo bavuga ko ayo mafranga azofasha mu gucungera umutekano muri ico kiyaga. Ingingo abarovyi banegura aho bavugako bariko bakwa amafranga menshi nabo atayo binjiza kuko umwimbu w’amafi utakiri mwiza mu kiyaga Tanganyika. Bamwe muri bo bakavuga y’uko bagiye guheba umwuga w’uburovyi.
VI. Ayo mafaranga angana n’amadolari ijana n’atanu y’abanyamerika asabwa abarovyi kuzotangwa kugira ngo babandanye kuroba mu kiyaga Tanganyika ngo ni menshi cane. Ivyo bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME. Ku bwiwe ngo bari bakwiye kwakwa amahera ari hagati y’ibihumbi cumi na cumi na bitanu, kandi bakayatanga mu mafaranga y’amarundi.
VII. Abigisha bo mu buyobozi bw‘indero muri komine Kayokwe intara ya Mwaro barerekana amakenga bafise ku bijanye n’intererano bariko barasabwa. Iyo ntererano n’iy’amahera yo gufata mu mugongo umuryango w’uwahoze ari umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza nkuko biboneka kw’Ifishi (Fiche) bahabwa n’abayobozi b’amashule muri iyo komine ngo buzuze. Ivyo bituma hari abigisha bibaza ibibazo kuri izo fishi, ariko inyishu bakemeza ko atayo bafise, kuko yaba uwurongoye indero mu Kayokwe canke uwurongoye indero mu ntara ata nsiguro babahaye. Abo bigisha nyene bemeza ko hari kuberekanye ko batashaka kwuzuza iyo fishi baterwa ubwoba.
VIII. Amakenga ni menshi mu banyagihugu bo muri Nkenga Busoro zone Kanyosha, mu gisagara ca Bujumbura biturutse kw’ikena ry’amazi meza ryibonekeza muri ako gace, haraheze ikiringo kinini. Abo banyagihugu basigura ko bamaze igihe bikora ku mazi y’uruzi Kanyosha. Abo banyagihugu bakabona ko bashobora kwandura indwara nyinshi harimwo n’ikiza corona kubera iryo kena ry’amazi meza.
IX. Urunani rujejwe kugenzura ibikorwa vy’ibimenyeshamakuru mu Burundi CNC rwakuyeko ibihano rwari rwafatiye iradiyo y’abongereza BBC n’ikinyamakuru Ikiriho candika ku buhinga ngurukanabumenyi. Urunani CNC rukaba rumenyesha ko iyo ngingo iri mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyasabwe n’umukuru w’igihugu mu kuganira hagati y’ibimenyeshamakuru vyafatiwe ibihano hamwe n’urwo rwego CNC. Ivyo bimenyeshamakuru vyasubiye kuronswa urwo ruhusha bikaba bisabwa gukora vyisunze amategeko.
X. Inyuma yaho imigwi 24 yitavye igikombe ca Buraya ikiniye yose urukino rwa mbere, imigwi nka yose yahabwa amahirwe yo kugera kure yaravyerekanye kiretse Espagne n’Ubudagi. Mu nkino nazo 12 zimaze gukinwa, hamaze kwinjira ibitsindo 28.