Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/06/2021

Publié le 17 juin 2021 par Rédaction
I. Umuntu umwe yaraye yishwe atemaguwe muri komine Buyengero, intara ya Rumonge. Amakuru ava muri zone Muzenga aho yiciwe, avuga ko yategerewe atashe mw’ijoro ry’uwu wa gatatu rishira uwa kane. Mu ntwaro bakamenyesha ko amatohoza agikorwa.
II. Ibiziga bibiri vyaratowe mu ma komine ya Nyanza-lac na Makamba ku munsi wa kabiri n’uwa gatatu muri ino ndwi. Abo bose uko ari babiri, bivugwa ko boba bariyahuye nkuko vyemezwa mu gipolisi, no mu bajejwe intwaro muri iyo ntara.
III. Abantu babiri barahagaritswe haraheze iminsi 6 muri komine Matana, intara ya Bururi. Abo bahagaritswe bakaba bagirizwa kuba bari bafise ama grenade mu masakoshi yabo, nkuko amakuru dukura aho avyemeza. Abo bahagaritswe bakaba gushika ubu atawuzi aho bari. Imiryango yabo ikaba itewe impungenge n’umutekano wabo.
IV. Imyidogo  ni  myinshi  mu  badandaza bo mu ntara ya Gitega, biturutseko bategetswe kwugara  amaduka yabo ku muhingamo wo kuri uyu wa kane. Imvo akaba ko ari kugira bitabire igisabisho  c’amashimwe catunganijwe n’ibiro  vy’umukuru  w’igihugu. Abadandaza bo mu ntara ya Gitega basaba ko ivyo bikorane vyojamwo ababishaka ata gahato, nk’uko umushikiranganji w’intwaro yo hagati aherutse kubishikiriza.
V. Ingingo zimwe zotuma ubutunzi bwisununura mu Burundi zarafashwe n’umukuru w’igihugu, ariko rero izo ngingo ntizikwiye. Zari zikeneye izindi ngingo mperekeza zifasha gushira mu ngiro. Uyo niwo mwihwezo wa Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi akaba anarongoye ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura inyifato. Akaba yagize uwo mwihwezo inyuma y’umwaka uheze umukuru w igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye ashikiriye amabanga yatanguye ku wa 18 Ruheshi 2020.
VI. Imyidogo ni myishi mu bajenama ba ma komine yo mu gisagara ca Bujumbura. Bavuga ko amafranga bahora baronswa y’akavunamusase bita jeton de présence mu gifaransa, yagabanijwe hadakurikijwe amategeko. Basaba ko ibikorerwa mu ma komine vyose vyokwisunga itegeko rigenga ama komine. Abarongoye igisagara ca Bujumbura bo bavuga ko bariko bakurikiza ibisabwa n’ishirahamwe ry’abatowe mu nzego zo hasi ABELO, risaba ko ako kavunamusase kongana ku bajenama bose mu gihugu.
VII. Ishirahamwe OLUCOME rigwanya isesagurwa ry’amatungo ya leta riratewe umutima uhagaze n’itangwa ry’amasoko ya leta hadakurikijwe amategeko.  Iryo shirahamwe rikabonako ko ivyo bigira ingaruka mbi na cane cane ku bakozi b’amashirahamwe aba yahawe ayo masoko. Ishirahamwe OLUCOME rikabivuga rifatiye ku bakozi b’ishirahamwe ryitwa CONTEC GLOBAL ry’abahindi, ryaronse isoko ryo gukora impapuro z’inzira PASSEPORT hamwe n’impapuro zo kugendesha umuduga. Muri kino gihe abo bakozi ngo bafise ibibazo nta ngere.
VIII. Umugwi w’Ubutariyano inyuma yo gutsinda Ubuswisi waciye uronka uburenganzira bwo kuja mu gice c’umunani gishira ica nyuma mu mahiganwa z’umugabane wa bulayi. Kuri uno wa kane naho, Ububiligi butsinze nabwo buca buronka iyo tike co kimwe n’uwutsinda hagati ya Pays-Bas na Autriche. Umugwi nawo wa Turikiya umaze gutsindwa kabiri, ivyawo muri rino higanwa bikaba vyararangiye.

Ibindi bisa n'ibi