Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/06/2021

Publié le 21 juin 2021 par Rédaction
I. Ubumwe bwa bulaya busabwa kugumizaho ibihano vyafatiwe Uburundi mu mwaka wa 2016. Ivyo bikaba biri mw’ikete amashirahamwe mpuzamakungu arenga icumi aharanira agateka ka zina muntu yandikiye abarongoye ishirahamwe rya bulaya, n’abashikiranganji b’imigenderanire mu bihugu bigize ubumwe bwa Bulaya. Ayo mashirahamwe avuga ko n’aho hari utwigoro tumwe tumwe twakozwe na leta y’Uburundi mu bijanye n’ukwishira n’ukwizana, agateka ka zina muntu kabandanya gatosekazwa, hamwe n’ukudahana vyatse indaro mu gihugu. Ayo mashirahamwe agasaba ubumwe bwa bulaya kutadohoka ku vyo bufatirako kugira bugiriranire imigenderanire n’ibihugu nk’Uburundi.
II. Kubw’ishirahamwe rikingira abamenyeshamakuru CPJ riri muyateyeko igikumu kuri iryo kete, ngo ubumwe bwa bulaya bukwiye gusaba abategetsi b’Uburundi kwubahiriza ubwigenge bw’abamenyeshamakuru mu kazi kabo, bongere bagire amatohoza y’ukuri ku bijanye n’iburwa irengero ry’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana yakorera ikinyamakuru Iwacu. Tom Gibson aserukira ishirahamwe CPJ ku mugabane wa bulaya.
III. Sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura yaciriye umunyororo w’umwaka umwe n’ihadabu y’amafaranga ibihumbi mirongo itanu 50.000 Germain Rukuki. Urwo rubanza rukaba rwaciwe kuri uyu wa mbere. Ivyo bikaba bije gutezura umunyororo w’imyaka 32 yari yaciriwe na sentare nkuru ya Ntahangwa hari mu mwaka wa 2018, ivyemejwe na sentare isubiramwo imanza mu mwaka wa 2019. Tubibutse ko Germain Rukuki yahagaritswe kuwa 13 Mukakaro 2017 hama agafungwa yagirizwa kuba yarashatse guhungabanya umutekano w’igihugu.
IV. Urudandazwa rw’abantu mu bihugu vy’abarabu ngo ntirwigeze ruhagarara, ahubwo hahinduwe umukenyuro w’ingene bagenda. Bivugwa n’umwe mu basanzwe bafasha abarundikazi bajanwa muri ivyo bihugu. Basaba ko leta yoshiraho amategeko atuma bagenda ata nkomanzi kandi bakingiwe.
V. Umuntu umwe wo ku mutumba Mugumure muri komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba, yaraye yishwe mw’ijoro ry’uw’Imana rishira uwa mbere. Amakuru ava kuri uwo mutumba avuga ko yoba yishwe n’abantu bariko baranywana. Mu gipolisi muri komine Nyanza-lac bavuga ko amatohoza yamaze gutangura.
VI. Imyidogo ni myinshi mu bakozi ba leta n’abikorera utwabo muri iyo ntara bivuye ku ntererano bariko bategekwa gutanga n’abajejwe intwaro muri iyo ntara ya Makamba, ngo n’iyo gushigikira igikombe citiriwe Nkurunziza “Nkurunziza Cup’’. Aho abakozi ba leta bakaba bategetswe kuba bashikanye iyo ntererano kuri konti ya BANCOBU yabigenewe bitarenze igenekerezo rya 25 kuno kwezi.
VII. Ubukene bw’isukari buvugwa muri komine ya Bururi buriko buragira ingaruka. Amakuru dukura muri iyo komine yemeza ko umunyagihugu wese atitabira ibikorwa rusangi vy’iterambere muri iyo komine ngo ntashobora kuronka iyo sukari ku bayidandaza. Abo banyagihugu bakabonako iyo ari ingingo ya politike.
VIII. Imigwi ya Finlande n’Uburusiya kuri uno wa mbere ishobora kuronka amahirwe yo kubandanya mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru rya bulaya, mu gihe yoronka intsinzi mu nkino z’uno musi. Kuri uno w’Imana, Pays de Galles yaraye ironse uburenganzira bwo kubandanya amahiganwa naho watsinzwe n’Ubutariyano.

Ibindi bisa n'ibi