I. Umuntu umwe yaraye yishwe arashwe, uwundi arakomereka, amafaranga atazwi igitigiri aribwa, n’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana bateye ku mutumba Mujigo wa komine Buyengero, mu ntara ya Rumonge. Uwo yishwe yari umudandaza w’inka. Abamwishe babateze umutego ari kumwe na bagenziwe bavuye kw’isoko y’inka ya Tora, muri komine Mugamba y’intara ya Bururi. Aya makuru aremezwa n’abajejwe intwaro muri komine.
II. Hari umusore w’imyaka 25 yaraye ahatswe kugandagurwa n’abantu batashoboye kumenyekana bitwaje ibibugita. Ivyo bikaba vyabereye ku mutumba Nyarunazi muri komine Buhinyuza, mu ntara ya Muyinga. Uwo musore yaraye ahatswe kugandagurwa bikavugwa ko yari amaze amezi ane ahungutse avuye mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Umusore umwe yikekwa kuri ubwo bugizi bwa nabi akaba yahagaritswe n’igipolisi ku mvo z’amatohoza.
III. Uburundi n’ubumwe bwa bulaya bwatanguye kuri uyu wa kane, igice kigira gatatu c’ibiganiro bifise intumbero yo gukuraho ibihano ubumwe bwa bulaya bwafatiye Uburundi. Inyuma y’ico kiganiro, uwuserukira ubumwe bwa bulaya mu Burundi Claude Bochu avuga ko ubumwe bwa bulaya bubandanya gusaba leta y’Uburundi kubahiriza agateka ka zina muntu, intwaro ibereye n’ubutungane mu gihugu kugira ibihano bivanweho.
IV. Kuri ivyo bisabwa n’ubumwe bwa bulaya, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi Albert Shingiro we avuga ko ataco bagiye gukora ngo kuko ibihugu vya bulaya bidafise ico vyigisha Uburundi. Albert Shingiro.
V. Amashirahamwe abandanya gusaba irekurwa rya Germain Rukuki, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi aherutse gutezurirwa na sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa. Ishirahamwe mpuzamakungu Frontline Defenders ryasohoye itangazo, aho rishimishwa n’ingingo y’abacamanza b’iyo sentare yo kugabanya umunyororo kuva ku myaka 32 uja ku mwaka umwe, inyuma yuko habaye isuzumwa ry’ivyo yagirizwa. Frontline Defenders ikaba yasavye ko yoca arekurwa vuba bwango ata kindi kirinze gusabwa.
VI. Inama mpanuzwajambo ya komine Gitega yategerezwa kugira ico ikoze mu matati ari hagati ya komine Gitega n’ishirahamwe ryo kunguruza abantu TRAMWEX. Bivugwa na Janvier Bigirimana yize ivy’amategeko. Aho ni mu gihe ishami ry’iryo shirahamwe i Gitega ririko ryanka kwimurirwa mu kibanza gishasha komine yategekanije. Iryo shirahamwe rikemeza ko aho risanzwe rikorera ryahaguriye komine ku miliyoni 45 z’amarundi. Komine nayo ikabihakana. Maître Janvier Bigirimana akavuga ko abajejwe intwaro bari bakwiye kugira nyabuna amatohoza ku bijanye n’iryo gurishwa TRAMWEX yemeza ko ryabaye, kugira ababigizemwo uruhara bahanwe kuko hashobora kuba haragiyemwo ubusuma.
VII. Hamwe ico kibazo kitokwitonderwa, komine ishobora kuhahombera nk’uko Maître Janvier Bigirimana abandanya abisigura.
VIII. Inkino zo mu matsinda zasozerewe kuri uno wa gatatu imigwi yose ikomakomeye ikaba yarashoboye kurengana iyo ntambwe ya mbere. Ibitsindo 94 ni vyo vyinjiye mu nkino 36. Cristiano Ronaldo niwe mukinyi yarangije izo nkino zo mu matsinda afise ibitsindo vyinshi aho yinjije 5.