I. Ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ngo yabutanguye bumworoheye kubera ko amatora yari yagenze neza mu mahoro n’umutekano. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Evelyne Butoyi mu gihe kuri uno wa gatanu hari ikiganiro c’abavugizi batandukanye b’inzego z’igihugu. Frédéric Bamvuginyumvira umwe mu banyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi, abona nyabuna ko ayo matora yibwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yararongoye.
II. Imiliyaridi hafi zitatu z’amarundi ni zo zimaze kugarurwa mu kigega ca leta n’intwaro ya Evariste Ndayishimiye mu mugambi wayo wo kugwanya inyuruzwa ry’amatungo ya leta. Vyashikirijwe na Evelyne Butoyi umuvugizi w’umukuru w’igihugu mu kiganiro c’abavugizi ba leta bahaye abamenyeshamakuru n’abanyagihugu. Ariko mw’ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta babona ko ayo mafaranga ari make cane, uravye amahera anyuruzwa n’ama komine mu gihugu kumwaka ku mwaka.
III. Germain Rukuki aheruka kugabanirizwa igihano na Sentare bikaba vyari bitegekanijwe ko arekurwa ntiyabaye akirekurwa. Amakuru radiyo Inzamba ifise n’uko umuyobozi ajejwe ivy’amabohero ariwe yanse ko uwo yahoze ari umukozi w’ishirahamwe ACAT asohoka ibohero. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize avuga y’uko ico ari icerekana ko ubutungane butigenga, bukoreshwa. Tubibutse ko Germain Rukuki yari yaciriwe na sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa umunyororo w’imyaka 32, sentare ntahinyuzwa igisata ca gasamburamanza gitegeka ko urubanza rwa Germain Rukuki rusubirwamwo, niko guhanishwa umwaka umwe n’ihadabu ry’ibihumbi 50. Akaba yaramaze mu munyororo imyaka irenga ine.
IV. Mu ntara ya Makamba muri komine Mabanda, abantu 2 bahagaritswe n’uwurongoye iperereza muri iyo komine kuri uyu wa kane. Imiryango yabo ikaba ifise amakenga y’ababo kuko gushika ubu bataramenya iyo batwawe.
V. Ibintu bibandanya kumera nabi mw’ikambi y’abateshejwe izabo muri site ya Gasenyi, zone na komine Rango, mu ntara ya Kayanza. Abakozi ba leta hamwe n’abakiri bato baratewe amakenga kubona ari patiri mukuru hamwe n’icegera ciwe bashaka kubirukana muri ico kibanza. Ariko rero ku ruhande rwa paruwasi, barabahumuriza ko badashaka kubirukana, ariko ko badashigikiye akagwi k’urwaruka ruhungabanya umutekano muri iyo site, inyuma y’aho gashwiragije abakirisu bariko baraca imikobeko.
VI. Impunzi z’abarundi ziba mu gihugu c’ubuganda mw’ikambi y’impunzi ya Nakivale zirahagaritswe umutima n’ikiza ca corona virus kiriko kiratikiza inganda muri ico gihugu. Muri kino gihe ibikorwa bisa n’ivyahagaze mu gihugu c’Ubuganda, bamwe mu mpunzi bavuganye na radiyo Inzamba bavuga ko ubuzima bugiye kugora gusumba, kuko naho bahora bisumamwo muri kino gihe hugaye.
VII. Mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, abantu barenga 4000 baramaze guhitanwa n’ikiza COVID-19 ku barenga 270.000 banduye. Igihugu ca Kenya nico kiza kw’isonga n’abarenga 3000 bitavyye Imana, mu gihe mu Burundi ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwemeza ko hamaze gupfa abantu 8 gusa bahitanywe n’ico kiza. Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ivy’amagara y’abantu OMS muri Afrika bimenyeshako haje ubwoko bugira gatatu bw’ikiza COVID 19 bwandura gusumvya ubuhasanzwe, ubwo bwoko bushasha bumaze kwigaragaza mu bihugu 14 ku mugabane wa Afrika.