I. Igipolisi kirabandanya guhagarika ku bwinshi abanywanyi b’umugambwe CNL muri komine Rutegama, intara ya Muramvya. Ivyo bije bikurikirana n’igitero c’abitwaje ibirwanisho cabaye muri iyo komine ku wa gatandatu uheze, cahitanye abantu, abandi bagakomereka. Abanywanyi bo mu migambwe itavuga rumwe na leta, cane cane CNL, birabateye ubwoba bakavuga ko abafatwa bariko bararenganwa.
II. Leta ngo ntizosubire kuvuga ko umutekano ari nta ngere mu gihugu, mu gihe abantu babandanya kwicwa ubutungane ntibuheze ngo bukore nk’uko vyabwirizwa. Ivyo bishikirizwa na Frederiko Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR Arusha, inyuma y’ibitero biherutse guhitana abantu kw’ibarabara rya Bujumbura-Gitega mw’ijoro ryo kuwa gatandatu w’indwi iheze. Uwo yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, aranegura ukugene leta itigera yerekana abo bantu abaribo, we akabona ko atari aba reberi, nyabuna bashobora kuba ari bantu bari mu butegetsi. Bisigurwa na Frederiko Bamvuginyumvira.
III. Mu baharanira agateka ka muntu, Ligue Iteka, ivuga ko abakora ivyo bitero bose iyo bazanana ari abo guteshwa bagata, ubwo bwicanyi butera bugwiza ibitigiri vy’abahasiga ubuzima. Abantu 40 ni bo baharurwa ko bamaze kwicwa mu bitero nk’ivyo mu mezi atarenga atatu. Anschaire Nikoyagize arongoye Ligue Iteka, asaba leta gukora akazi kayo ko gukingira abanyagihugu.
IV. Ibisigarira vy’abantu barenga 450 bagandaguwe mu 1972 n’ivyo vyazuwe mu ma komine Buhinyuza, Butihinda, Giteranyi na Mwakiro zo mu ntara ya Muyinga, kuri uyu wa gatandatu n’umugwi ujejwe kumenyekanisha ukuri no kunywanisha abarundi CVR. Ariko mu mugambwe UPRONA utavuga rumwe na leta y’Uburundi ubona ko umugwi CVR ata cizere na gito ufise mu barundi, kuko udafise ubuhinga bwo kwerekana abishwe abari bo uretse ko ucanishamwo abarundi.
V. Amafaranga yagenewe abanyagihugu nk’umuzibukiro w’amatongo yabo ku mutumba Gabaniro muri komine Muhuta y’intara ya Rumonge, ahimirije kwubakwa urugomero rw’umuyagankuba ngo ni intica ntikize. Bamwe muri abo banyagihugu basaba ko ishirahamwe ririko riratunganya ivyo bikorwa, canke leta kubaha amafaranga ahwanye n’ingene ibiciro vy’amatongo vyifashe muri iyi misi ya none. Bavuga kandi ko abo bituye mu ntwaro batigeze babatunganiriza.
VI. Umuzibukiro uhabwa nyene itongo utegerezwa kuba ari uwumufasha kuronka ahandi hangana n’ico kibanza, kandi leta igatanga uyo muzibukiro imbere y’uko ihakorera uwundi mugambi. Umushingwamanza Janvier Bigirimana asigura ko itegeko nshikiranganji ryo mu 2008 ryerekana ingene ibiciro bijanye n’imizibukiro bitunganije ryategerezwa gushirwa ku gihe, kuko umunyagihugu aronswa uno musi umuzibukiro w’intica ntikize.
VII. Itegeko ry’umwuga wo kumenyesha amakuru ryo mu mwaka wa 2018 rigiye guhinyanyurwa kugira hashirwemwo ingingo zerekeye ibimenyeshamakuru bikorera ku buhinga ngurukanabumenyi, hamwe n’ama radiyo yegereye abanyagihugu. Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru yabimenyesheje kuri uyu wa mbere atanguza uruganda rwo guhinyanyura iryo tegeko, uruganda ruzomara iminsi itatu. Kubwa Marie Chantal Nijimbere, ngo iryo tegeko ryahahora ryari rifise utunenge.
VIII. Ku musi ugira gatatu w’inkino z’igice c’umunani gishira ica nyuma hategekanijwe inkino zibiri. Espagne ikina na Croatie nayo Ubufaransa butane mu mitwe na Suisse. N’inkino zitoroshe ariko amahirwe ahabwa Espagne n’Ubufaransa.