Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/06/2021

Publié le 30 juin 2021 par Rédaction
I. Abantu babiri baraye bapfuye barashwe, mw’ijoro ry’uwu wa kabiri rishira uwa gatatu muri komine Nyarusange y’intara ya Gitega. Abanyagihugu bakaba batekewe n’ubwoba ku bitero vy’abitwaje ibigwanisho bimaze imisi bihitana abantu.
II. Ishirahamwe FOCODE riharanira agateka ka zina muntu ririyamiriza ubwicanyi bwahitanye abantu mu bitero vyabaye kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi, muri komine Rutegama, kw’ibarabara Muramvya-Gitega. Iryo shirahamwe risaba leta kuva mu gacerere ikamenyesha ibiriko biraba ikongera igahagarika uruhigi rw’abatavuga rumwe nayo, cane cane abanywanyi b’umugambwe CNL. Pacifique NININAHAZWE, arongoye ishirahamwe FOCODE.
III. Ubutungane burasabwa guhaguruka bugakumira ukwihanira kwimonogoje mu gihugu. Ako n’akamo k’ishirahamwe rirwanya ivyaha  ONLCT, rifatiye ku bwicanyi bwakozwe kuri uyu wa kabiri muri karitiye Gisyo, aho umupolisi yishe umukenyezi bapfuye akarimbi. Umùshingwamanza Prime Mbarubukeye asaba sentare gucira urubanza rw’ikibiriraho uwagirwa n’icaha.
IV. Hari umunyagihugu amaze imisi ibiri apfungiwe mu gasho k’igipolisi muri komine Ntega y’intara ya Kirundo. Clément Sibondemyi yafashwe kw’itegeko ry’uwutwara umugambwe CNDD-FDD ku mutumba Susa, aca afatwa n’urwaruka rw’imbonerakure. Uwo munyagihugu akaba ari mu baherutse kurekurwa bava mw’ibohero, ku kigongwe c’umukuru w’igihugu. Abanyagihugu bo muri komine Ntega basaba ko arekurwa kuko ataco ariko arazira.
V. Ihuriro ry’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi IDHB risaba rishimitse irekurwa ry’uwuharanira agateka ka zina muntu Germain Rukuki. Kubwa Carina Terstakian, umushakashatsi muri iryo shirahamwe,  ngo ntivyumvikana ingene Germain Rukuki aguma apfunzwe azira ivya politike, kandi sentare yaramaze gutomora ibijanye n’irekurwa ryiwe. Agasaba umukuru w’igihugu gufata vuba ico kibazo mu minwe, kugira Germain Rukuki asubire kwidegemvya.
VI. Mu gihe uburundi buca buhimbaza imyaka 59 bwikukiye, ishirahamwe Parcem mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yatanze umwihwezo y’ibintu ngenderwako vyotuma haba ugushirahamwe nukwumvikana mu gihugu. Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe murico kiganiro akaba yamenyesheje ko abarundi bari bakwiye guharanira amasezerano y’ubumwe bw’abarundi co kimwe nayo kwikukira abarundi baharaniye.
VII. Hari abarwayi bidogera ibitaro vyo mu ntara ya Karusi bise Hôpital du cinquantenaire, mu rurimi rw’igifaransa. Bakidoga bavuga ko batakirwa neza iyo bagiye kwivuza kuri ivyo bitaro. Abandi bidoga ni bamwe mu bakozi b’ivyo bitaro biyamiriza ingene bakatwa amafaranga ibihumbi 20 ku kwezi abandi bakozi ba leta babakata ibihumbi bine vyonyene.
VIII. Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwashikirije kuri uno wa mbere ibiciro bishasha ku biribwa nk’intete z’ibigori, ibiraya, umuceri, ibiharage n’ibitunguru ku murimyi. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umushikiranganji Déo Guide Rurema yamenyesheje ko ari mu ntumbero yo gutera intege n’uguha agaciro inguvu z’umurimyi. Akaba yagabishije uwo wese azobirengako haba mu badandaza, canke mu barimyi ko azobihanirwa.
IX. Inkino z’igice c’umunani gishira ica nyuma zarangiye ibihugu bikomakomeye vyinshi bisezerewe. Ni Ubufaransa, Portugal, Ubudagi, Croatie na Pays-Bas. Ikindi cibonekeje muri izo nkino hinjiye ibitsindo 29 mu nkino umunani, mu gihe mu mwaka wa 2016 nk’aya mango yihiganwa, hinjiye ibitsindo 19.

Ibindi bisa n'ibi