I. Ikiziga c’umuhungu w’umuyabaga caratowe mu gatondo ko kuri uwu wa kane, ku musozi Gashishima uri muri komine ya Mugamba, mu ntara ya Bururi. Uwo muyabaga akaba yari mu banyororo baheruka kurekurwa ku kigongwe c’umukuru w’igihugu.
II. Ishirahamwe FOCODE riratewe umutima uhagaze n’abo bantu baheruka kurekurwa mu munyororo ku kigongwe c’umukuru w’igihugu, mu nyuma bakicwa canke bakaburwa irengero. Pacifique Nininahazwe arongoye iryo shirahamwe, akababazwa n’amabi bariko barakorerwa kandi ataco bazira. Agasigura ko hari n’abandi barekuwe babuzwe irengero.
III. Abantu indwi nibo bamaze gufatwa muri komine Ndava y’intara ya Mwaro, bagirizwa kugira uruhara mu gitero giherutse kubera muri komine Rutegama y’intara ya Muramvya. Abanyagihugu bo muri komine Ndava bafise amakenga ku mutekano w’abafatwa, kuko bafatwa ijoro ryitereye. Bakavuga kandi ko bariko bahorwa kuba batari mu mugambwe uri ku butegetsi, ngo kuko ico gitero kiba, bose bari mu mihana iwabo.
IV. Uwurongoye ibohero rikuru rya Muramvya nawe nyene arafunzwe kuva ku musi wa mbere. Yikekwa ko yoba yaragize uruhara mu gitero c’abitwaje ibigwanisho cabereye aho nyene muri komine Rutegama, intara ya Muramvya mu mpera y’indwi iheze. Amakuru duhabwa n’isoko ryacu mu gipolisi mu ntara ya Muramvya avuga ko uwo mutegetsi ubu apfungiwe mu gasho k’ibiro bikuru vy’iperereza mu gisagara ca Bujumbura.
V. Amezi icenda ararumanye kuri iri genekerezo rya 2 Mukakaro uwahoze ari umushingamateka Fabien Banciryanino atawe mu mvuto. Umushingwamanza Gustave Niyonzima yibutsa ko umushingamateka Fabien Banciryanino yitavye imbere y’umucamanza avuye mw’ibohero rya Mpimba, ikiringo gitegekanywa n’amategeko agenga ingene imanza ziburanishwa cararenze, abantu basemerera. Umushingwamanza Gustave Niyonzima atera akamo ubutungane bw’Uburundi kwiyambika umutamana, bukarekura uwo yahoze ari umushingamateka kuko yahowe ubusa. Tubibutse ko mu vyo umushingamateka yagirijwe harimwo gushaka guhungabanya umutekano w’iguhugu, no gutukana igihe yari yerekanye ko Petero Nkurunziza, adakwiye kwitwa imboneza yamaho, kuko ku ntwaro yiwe hibonekeje amabi menshi.
VI. Abavyeyi bafise abanyeshure buca bakora ikibazo ca leta kirangiza amashure yisumbuye bo mu Rumonge baridoga ko bariko batozwa amafaranga atagira insiguro. Basigura ko batabona ayo mafaranga babwirwa ko ari ayo gushikana intebe ahazokorerwa ikibazo, ariko bobo bakabonako leta ubwayo yategerezwa gufata mu minwe ico kibazo ntirihishe abanyeshure. Bagasaba ko itozwa ry’ayo mafaranga ryohagarara.
VII. Inkino za buraya z’umupira w’amaguru z’igice ca kane gishira ica nyuma kuri uno wa kane zihuza Espagne na Suisse, nayo Ububirigi butane mu mitwe n’Ubutariyano mu rukino rutaza kuba rworoshe na gato. Muri Copa America naho Brésil yakira Chili, nayo Pérou ikine na Equateur.