Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/07/2021

Publié le 3 juillet 2021 par Rédaction
I. Umugambwe CNL uriyamiriza ibitero bimaze imisi biba mu gihugu bigahitana abanyagihugu ataco bazira kandi batekanye. Ivyo biri mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye kuri uyu wa gatandatu, aho biyamiriza ifatwa n’ipfungwa ridakurikije amategeko ry’abanywanyi bawo. Umugambwe CNL usaba leta gukora amatohoza kugira hamenyekane vy’ukuri abariko barahungabanya umutekano w’Uburundi n’abarundi.
II. Mu buraruko bw’igihugu, imyidogo ni myinshi ku banyagihugu bo mu ntara ya Muyinga bafise amazu kw’ibarabara RN6. Abo nabo bategetswe n’abajejwe intwaro gusambura amazu yose yubatswe mu bibanza hagati yazo n’iryo barabara hadakwije uburinganire bw’imetero 6, nk’uko bamwe muri bene amazu babishikiriza. Abo nabo, bagatangazwa n’iyo ngingo yo gusamburirwa amazu mu gihe leta ata muzibukiro ibategekaniriza. Bagasabako iyo ngingo yohagarara.
III. Mu Rumonge naho abadandaza baridoga. Bagiriza komine Rumonge ko iriko irabatoza amafaranga ya tagisi agira kabiri. Bagasaba ko vyohagarara na cane cane ko bari mu bukene inyuma y’aho habomorewe amazu bahora bakoreramwo.
IV. Mu bumanuko naho mu ntara ya Makamba, igipolisi gicungera uruja n’uruza mu mabarabara kiragirizwa n’abunguruza abantu kubasaba ibiturire vy’umurengera kugira ngo bakore. Abikora ku mapikipiki n’imodoka basaba kw’iyo nyifato yotuzwa, kuko abunguruza abantu basigaye batwara ibitigiri vy’abantu bitubahirije amategeko.
V. République Tchèque na Danemark imigwi itari yitezwe muri zino nkino za Buraya niyo itana mu mitwe kuri uno wa gatandatu, isaha cumi na zibiri mu gice ca kane gishira ica nyuma. Isaha zitatu z’ijoro naho haza guhura Ubwongereza buhabwa amahirwe yo gutsinda Ukraine. Muri Copa Amerika, isaha zitandatu z’ijoro, Uruguay ikina na Colombie, nayo isaha icenda z’ijoro Argentine ikine na Equateur.
VI. Mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi turagaruka kw’ishirwa mu ngiro ry’ingingo y’umukuru w’igihugu yo kugirira ikigongwe abapfungwa.

Ibindi bisa n'ibi