Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/07/2021

Publié le 8 juillet 2021 par Rédaction
I. Hari ikiziga c’umuhungu akiri muto cabonywe kimanitse ku giti mu gitondo co kuri uwu wa kane, ku mutumba Ninga wo muri komine Butaganzwa, intara ya Kayanza. Ababanyi biwe bakikeka k’uwo musore yoba yiyahuye, ariko ku mvo bataramenya.
II. Hari abanyororo batatu bapfungiwe mw’ibohero rya Bururi bidoga ko bahatirwa kuburana mw’ido n’ido ry’imanza zabo muri sentare nkuru y’igihugu ya Bururi, kandi barunguruje ku ngingo yo kubagumiza mu munyororo. Abo banyororo bakavuga ko bariko bararenganywa, bagasaba kurenganurwa, amategeko agakurikizwa.
III. Ihohoterwa rikorerwa abanyororo riguma ryibonekeza mu mabohero atandukanye y’igihugu c’Uburundi. Biri mu cegeranyo c’ishirahamwe ACAT Burundi, co mu mezi abiri aheze, ukwa ga gatanu n’ukwa gatandatu uno mwaka. Ico cegeranyo kimenyesha ko baborezwa igufa, bakabura ingene bivuza, ibitigiri vy’umurengera bibarizwa muri ayo mabohero n’ibindi. Abagirizwa kubahohotera, ni bamwe mu banywanyi b’umugambwe CNDD-FDD bapfunzwe, binyegeza inyuma y’ico bise « comité y’umutekano », bagakorana n’abajejwe intwaro mu mabohero hamwe n’abapolisi.
IV. Hari amakenga n’imyidogo myinshi muri bamwe mu banyagihugu bo muri komine Nyabihanga, intara ya Mwaro. Bagiriza musitanteri w’iyo komine ko ariko ategeka kwegeranya amafranga ngo agenewe kwubaka icibutso c’umuhisi Prezida Melchior Ndadaye, incungu ya Demokarasi mu Burundi. Bo bakabona ko ari uruyeri rwo kunyuruza no kunyonyeza amatungo ya komine kuko ata muco birimwo. Abo banyagihugu bagasaba umushikiranganji wo hagati mu gihugu gukurikirana ico kibazo.
V. Umuyobozi w’ishure ry’ubuhinga rya Kigufi riri muri komine Busiga n’intara ya Ngozi, Lin Gustave Cintije, aragirizwa n’uwujejwe ivyigwa kuri iryo shure Pacifique Niyonzima, kuba akoresha ubutunzi bw’iryo shure nk’ubwiwe bwite. Ivyo biri mw’ikete uwo ajejwe ivyigwa yandikiye uwurongoye indero muri iyo komine.
VI. Abakozi batatu barimwo umwe mu bajejwe abakozi mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu birukanywe burundu, kubera gutanga akazi batabifitiye uburenganzira. Abo bakozi bari basanzwe bakora mu gisata co gutanga akazi bakaba basaba amafranga ari hejuru y’imiriyoni zibiri. Muganga Girukwishaka Jean Bosco avugira ubwo bushikiranganji yamenyesheje ko bahora bumva ko hari abahabwa akazi, ariko ntibavyemere.
VII. Abarundi b’impunzi baba mw’ikambi ya Mtendeli muri district Gakonko mu gihugu ca Tanzaniya, basaba HCR na leta ya Tanzaniya gukingira umutekano wabo, no kutabahatira gutahuka ku nguvu. Aho ni inyuma yaho uwurongoye iyo kambi yakoresheje inama abaserukira abandi ku wa kabiri w’iyi ndwi, abasaba guhimiriza abatahuka, ngo kuko umurindi wabo wagabanutse cane. Abarundi bari mw’ikambi ya Mtendeli bagatinya ko bashobora gutahukanwa ku nguvu.

Ibindi bisa n'ibi