Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/07/2021

Publié le 10 juillet 2021 par Rédaction
I. Ntibizigera bibaho ko ubutungane bwigenga mu Burundi. Ivyo vyashikirijwe na Daniel Gélase Ndabirabe arongoye inama nshingamateka mu rugendo yahoramwo mu ntara ya Makamba. Aho avuga ko ubutegetsi butegerezwa kugira ico buvuze ku ngingo zifatwa n’ubutungane. Akanagabisha umucamanza wese atabitahura ko agiye gusubirizwa, ngo  n’abaca imanza ku mitumba barabishoboye. Kubwa Vital Nshimirimana yahoze arongoye sendika y’abacamanza mu Burundi SYMABU, birateye isoni kubona uwitwa ko ari umutegetsi nk’uyo yigizayo ivyapfunditswe mu nama rukokoma y’ubutungane yabaye mu mwaka wa 2013, aho yemeje ko urwego rw’abacamanza rutegerezwa kwigenga.
II. Mu gisagara ca Bujumbura muri quartier ya Mutakura, umuntu umwe yunguruza abantu n’ibintu muri Bajaj yarahagaritswe n’igipolisi abanje gukubagurwa. Aho hari mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu muri quartier Mutakura, zone Cibitoke muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura. Yahagaritswe inyuma y’ukutumvikana kwabaye hagati y’abapolisi bari bamuhagaritse we na mugenzi we. Ababibonye bakaba banegura ingendo y’igipolisi yo gukoresha inguvu mu bintu vyose, gushika aho barasa amasase mu banyagihugu.
III. Abanyeshure bahejeje kw’ishure ry’imyuga CFP Muramvya baridoga ko bataronswa impapuro z’umutsindo. Haraheze imyaka ine izo mpapuro zidatangwa ku bahejeje umwaka wa kane kuri iryo shure. Abo bataronkejwe impapuro z’umutsindo bavuga ko insiguro zitangwa n’abarongoye iryo shure zidafashe. Basaba kurenganurwa. Mu nyuma tukaba twashoboye kuronka umuyobozi ajejwe ubuhinga kuri iryo shure, akaba yatumenyesheje ko ikibazo kiri mu minwe y’umuyobozi w’ishure.
IV. Abigishwa b’abakutsakivi hamwe n’abakorerabushake kuri Lycée Technique Saswe barasaba kuronswa amafranga abagenewe muri ico gikorwa mu gice ca gatatu.  Iryo shure riri muri komine Kayokwe intara ya Mwaro. Abo bigisha bagatinya ko ayo mafranga yabagenewe yoba yaranyurujwe n’umuyobozi w’iryo shure.
V. Uburundi buherutse gutera igikumu ku masezerano y’ubumwe bwa Africa mu bijanye no guhanahana ibidandazwa. Kubwa Faustin Ndikumana umuhinga mu vy’ubutunzi, ngo ni vyiza ko Uburundi bwinjira mu bihugu bihanahana ibidandazwa mu mugabane wa Afrika « ZLECAF ». Ariko ubwa mbere Uburundi butegerezwa kuronka ivyo bujana mu mahanga bubanje guhaza abakenera, aho avuga ko bitabaye uko ibindi vyose kuzoba gusa no kwiyararaza.
VI. Kur’iri genekerezo rya 10 Mukakaro, Radio Inzamba ihimbaza imyaka itandatu itanguye gusamirana. Umuyobozi wa Radio Inzamba arishimira intambwe bamaze gushikako n’aho ingorane zitabura. Alexandre Niyungeko arashimira abakunzi n’abakozi ba Radio Inzamba ku ntererano no mu kwitanga, kugira iradiyo ibandanye ishikiriza amakuru.
VII. Alexandre NIYUNGEKO, umuyobozi wa Radio Inzamba arongera akamenyesha ko, muri kazoza, Radiyo Inzamba igiye kurushirizaho kwumvirizwa mu karere no mu makungu, hakoreshejwe ururimi rw’igiswahili n’icongereza.
VIII. Abanywanyi n’abakunzi ba Radiyo Inzamba barayikeza mu kwifadikanya na yo mw’isabukuru ry’imyaka itandatu imaze isamirana. Bamenyesha ko Radiyo Inzamba ibashikiriza amakuru n’ibiganiro bataronswa n’ibinyamakuru bikorera mu Burundi. Abo banyagihugu baganiriye na Radiyo Inzamba basaba abamenyeshamakuru kubandanya bitanga, bagakora batera imbere.
IX. Ubwongereza ku kibuga ca Wembley kuri uno w’Imana niho buzokwakira igihugu c’Ubutariyano mu rukino rwa nyuma rw’igikombe ca Euro. Ubwongereza nta kindi kiri mu mutwe atari gutwara ico gikombe ubwa mbere, mu gihe Ubutariyano bushaka ica kabiri inyuma yo gutsindwa mu nkino za nyuma kabiri. Muri Copa America naho, hazoca uwambaye hagati ya Brésil na Argentine ibihugu vy’ibihangange mu bumanuko bwa Amerika.
X. Mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno munsi,  tuvuga ibijanye n’ukurwanya inzara mu Burundi. Ni mu gihe umukuru w’igihugu c’Uburundi yashikirije ko ata murundi n’umwe ahanzwe n’inzara.

Ibindi bisa n'ibi