Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 12/07/2021

Publié le 12 juillet 2021 par Rédaction
I. Umukenyezi azwi kw’izina rya Générose Cimpaye w’imyaka yababa 65 wo ku musozi Kiremba, komine Kiremba n’intara ya Ngozi yishwe n’umugabo wiwe mu gaturuturu ko kuri uwu wa mbere. Uwo mugabo yitwa Marorerwa Ferdinand akaba yishe umugore wiwe akoresheje inkota. Amakuru ava aho muri komine Kiremba amenyesha ko uwo mutamakazi yavyutse aja kwihagarika, uwo mugabo wiwe w’imyaka hafi 70 aca amusanga mu kazu ka surwumwe, amucumita imbugita incuro 9 ku bihimba bitandukanye vy’umubiri. Uwo mugabo akaba yaciye yishikana mu minwe y’igipolisi. Bikavugwa ko muri uwo muryango hari hamaze imyaka myinshi harangwa amatati, ariko ngo sentare ikaba yari yarabagaburiye uko ari babiri, umwe umwe wese amatungo yiwe harimwo imirima n’inzu. Abajejwe intwaro muri iyo komine bagasaba abanyagihugu kwama bitura ababatunganiriza igihe cose havutse amatati hagati yabo, bakarengera ingendo y’ukwihanira na rirya amategeko atihanganira abaka ubuzima abandi.
II. Abigisha bo kw’ishure nshingiro rya Kizuga muri komine Buyengero intara ya Rumonge, bavuga ko barengewe n’inyifato y’umwe muri bo. Uwo numwigisha ajejwe umwaka w’umunani. Yagirizwa gusaba amafranga bamwe mu banyeshule yigisha no gushaka kubashurashuza kugira ntabatware amanota. Abigisha bagenziwe bagasaba ko yohanwa.
III. Uwo mwigisha yarakwiye gutuzwa mu gisata c’indero akongera agakurikiranwa n’ubutungane. Ivyo bivugwa na Eulalie Nibizi umuvyeyi akaba akwirikiranira hafi indero y’abana.
IV. Hari imiryango yo mu ntara ya Cibitoke yahora itunzwe n’urudandazwa ivuga ko ibayeho nabi kuva aho hugariwe imbibe zo ku Ruhwa aho Uburundi buhana n’Urwanda, na Rusizi aho Uburundi buhana urubibe n’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Ababangamiwe cane ni abo mu ma komine ya Rugombo, Mugina na Buganda. Bagasaba ko izo mbibe zokugururwa kugira nabo basubire mu kazi kabo ka misi yose.
V. Abajejwe intwaro barenze ivyo bategetswe bagasambura amazu y’abanyagihugu bategerezwa gusubira kuyubaka uko yari ameze, mu kiringo kitarenga indwi zibiri. Iryo tegeko ryatanzwe n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati Gervais Ndirakobuca, avuga ko hari abajejwe intwaro barenze kw’itegeko yatanze ryo gusambura inyubakwa zitubahirije amategeko. Ivyo yabishikirije igihe yari yagendeye ku Mugoboka, muri komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura aho yavuze ko yiboneye aho abanyagihugu barenganijwe. Tubibutse ko imyidogo ifatiye ku karenganyo k’abajejwe intwaro, mu gusambura amazu bavuga ko atubahirije amategeko iri aho hose iyo ngingo yafashwe mu gihugu.
VI. Impunzi z’abarundi batatu barishwe, batanu barakomereka cane bivuye ku mipanga batemagujwe, biri mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka k’impunzi « Dynamique pour les droits des réfugiés en Tanzanie » mu rurimi rw’igifaransa. Ico cegeranyo co mu kwezi kwa gatanu n’ukwa gatandatu uno mwaka, kimenyesha ko impunzi z’abarundi bari muri ico gihugu bafise ingorane mu bisata bitandukanye. Hambavu y’umutekano uguma uhungabana abantu bakicwa, ibisata harimwo ic’amagara y’abantu, ic’indero n’ibindi, ntivyifashe neza.
VII. Aba chaufferi bo mw’ishirahamwe Interpetrol barasaba bashimitse umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kubafasha gutorera umuti ibibazo bafise mu kazi. Ivyo navyo n’ubutandukane bw’imishahara kubakora akazi kamwe, kutavuzwa, n’ukudategekanirizwa kazoza. Haheze igihe babishikirije uwurongoye iryo shirahamwe ariko nta muti wigera uboneka.
VIII. Irwirirana r’yabantu mu Burundi rishobora gutuma haba intambamyi k’ubutunzi bw’igihugu n’imibano hamwe atagikozwe. Uwo ukaba ari umwihwezo w’ishirahamwe PARCEM mu cigwa iryo shirahamwe rihamagarira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere ryakoze mu ntara zitatu. Faustin Ndikumana arongoye PARCEM asaba leta gushiraho mu maguru masha umugambi ukurikirana irwirirana ry’abantu. Ishirahamwe PARCEM riteye ako kamo leta mu gihe kuri uyu w’Imana amakungu yahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe irwirirana ry’abantu.
IX. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yafashe urugendo rumushikana mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, kuri uyu wa mbere. Muri urwo rugendo rw’imisi ibiri, akazobonana na mugenziwe Felix Tshisekedi, bakazoganira ku bijanye n’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri.
X. Igikombe ca Buraya caraye gisozerewe, igikombe gitaha mu Butariyano. Ico gihugu kikaba gitwaye ico gikombe ubugira kabiri inyuma y’ico batwaye mu mwaka wa 1968. Muri Copa America naho igikombe catwawe na Argentine yaheruka kugikorako mu mwaka wa 1993.

Ibindi bisa n'ibi