Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/07/2021

Publié le 14 juillet 2021 par Rédaction
I. Hari ikiziga c’umuntu w’umugabo catowe ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, ku mutumba Ruziga wo muri Rugombo intara ya Cibitoke. Amakuru ava aho kuri uwo mutumba, avuga ko uwo muntu atamenyekanye. Umukuru wa zone Cibitoke ahatowe ikiziga akaba yaciye ategeka ko ico kiziga gihambwa vyihuta, uyo musi nyene. Abanyagihugu bakaba bemeza ko uyo muntu yagandaguwe bagasaba ko abakora ubwicanyi bomenyekana bakanashengezwa mu butungane.
II. Umuhari Iteka urahagaritswe umutima n’ubwicanyi, inyuruzwa n’ifatwa ridakurikije amategeko rimaze iminsi ryibonekeza mu ntara zitandukanye z’igihugu, amabi akorerwa aha nini abatavuga rumwe na leta. Kubwa Anschaire Nikoyagize arongoye iryo shirahamwe, ngo umukuru w’igihugu arakwiye guhagarika ubwo bwicanyi n’ibindi vyaha abarundi bakorerwa, kugira imvugo yiwe ijane n’ingiro.
III. Hari umuyobozi w’ishure yagirizwa kuba yarashurashuje umunyeshure. Aho ni muri komine Kiremba, intara ya Ngozi. Umuyobozi w’ishure nshingiro ECOFO Kidasha yateye inda umunyeshure yiga mu mwaka wa gatandatu kuri iryo shule nyene, nk’uko amakuru ava kuri iryo shure avyemeza. Abavyeyi b’uwo mwana basaba ko uwo muyobozi yohanwa.
IV. Ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose n’ukuriha indishi y’akababaro ingana n’amafaranga imiriyoni 30 ku muryango usigaye, ni vyo bihano sentare nkuru y’igihugu ya Ngozi yaciriye umugabo yitwa Ferdinand Marorerwa wo ku mutumba Kiremba, komine Kiremba n’intara ya Ngozi. Hakaba hari mu ntahe y’icese y’ikibiriraho yo kuri uyu wa gatatu aho yagiririwe n’icaha co kuba yarishe umukenyezi wiwe Générose Cimpaye yabiteguye, mu kumucumita imbugita nyinshi mu bucagucagu bwo ku musi wa mbere uheze. Icaha uwo yagirizwa atigeze ahakana. Nyene kwagirwa n’icaha akavuga ko yapfa n’uwo mugore wiwe  amatungo y’umuryango.  Uwo mukenyezi yishwe ngo yari yarigaruriye amatungo amwe amwe, inyuma y’uguharikwa n’uwo mugabo. Iyo ndishi yaciwe ikazohabwa abana 3 yari yavyaranye n’uwo Générose Cimpaye. Mukamenya ko uwo mugabo yarafise abagore 4 n’abana 14.
V. Inyuma y’urugendo rw’umukuru w’igihugu yagize  mu gihugu kibanyi ca Congo iharanira intwaro rusangi, ingingo zitari nke zarafashwe n’abo bakuru b’ibihugu uko ari babiri. Muri zo, harimwo gukomeza imigenderanire myiza hagati yavyo, guhanahana ibidandazwa, kwubaka neza amabarabara ahuza ivyo bihugu hamwe no gutuza imigwi y’abagwanyi ikorera mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi.
VI. Ugukorana n’ibihugu bibanyi vyose vy’akarere k’ubuseruko bwa Congo ni yo nteguro ya President Felix Antoine Tshisekedi, kugira ashobore gushika ku mugambi wiwe wo gutuza imigwi irwanira muri ako karere. Ivyo biri mu mwihwezo wa Trésor Kibangula, umumenyeshamakuru akaba n’umushakashatsi mu kigo ca  kaminuza y’i New York kigira ivyigwa ku gihugu ca Congo (Centre d’études sur le Congo de l’Université de New York). Trésor Kibangula avuga ko urugendo rw’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye i Kinshasa ruje rukurikira imibonano yabaye hagati ya Tshisekedi na Paul Kagame w’Urwanda, be na Yoweri Kaguta Museveni wa Ouganda. Gufatana mu nda kw’ivyo bihugu ku kibazo c’umutekano, nivyo bitazokoroha nk’uko bisigurwa na Trésor Kibangula.
VII. Abanyagihugu bo ku mugwa mukuru wa komine Buganda mu ntara ya Cibitoke baridogera ishirahamwe ritanga umuyagankuba n’amazi, Regideso. Bavuga ko iryo shirahamwe ryabimye amatara kandi bafise amafaranga yo kuriha. Inkurikizi n’uko igice kinini c’ico gisagara kiri mu kizime.
VIII. Ishirahamwe PARCEM rirashima ingingo yaraye ifashwe n’ibanki nkuru y’igihugu aho isaba kw’ikoreshwa mu Burundi ry’amafranga mva makungu mu bijanye n’amasezerano, irihwa ry’ibidandazwa n’akazi bitacemewe. Faustin Ndikumana arirongoye, ati iyo ngendo izofasha cane kugira ifaranga ry’Uburundi ntirite agaciro nkuko vyabaye mu bindi bihugu nka Congo icitwa Zaïre, na Zimbabwe, aho amahera yabo hageze igihe adasubira gukora.

Ibindi bisa n'ibi