I. Mu Burundi, ngo nta bantu banyuruzwa bakaburwa irengero. Vyaraye bishikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kuri radiyo y’abafaransa RFI. Imvugo nk’iyo ngo ni ugutamba ku muvyimba ababuze ababo, hanyuma ntibaronke n’akaryo ko kubashingurana iteka. Bivugwa na Karoli Nditije umukuru w’umugambwe Uprona utavuga rumwe n’ubutegetsi. Ku bwiwe ngo imvugo nk’iyo yerekana kandi ko n’abakora ayo mabi baba batumwe n’abategetsi b’igihugu, baheza bakanabakingira ikibaba.
II. Gervais Nibigira icegera c’uwurongoye urunani rw’abarundi b’intungane RCP, abonako ko kuvuga ko impunzi ataco zahunze ari imvugo y’agashinyaguro. Agasaba ko iyo mvugo yoyihagarika kugira ngo abarundi bagorewe mu makambi atandukanye bashobore gutaha.
III. Mu Burundi biracagoye kumenye uko ikiza c’umugera wa corona cifashe. Ni mu gihe abategetsi bo bemeza ko ata kibazo gihari, abanyagihugu nabo bakabona ko nyabuna abarwayi ari benshi, kubera abanyagihugu badebukiwe batagikwirikiza n’amategeko ajanye no kwikingira. Nayo ikigo ca leta zunze ubumwe za Amerika giherutse kuburira ingenzi ko kuja mu Burundi ushobora kwandura ico kiza. Nayo Dr Thaddée Ndikumana, umushikiranganji w’amagara y’abantu, avuga y’uko mu kugwanya ico kiza mu gihe mu karere hari ubundi bwoko bw’uwo mugera buriko buribonekeza, igihugu cose gifise ubuhinga bwaco bwo kuvura abagwaye.
IV. Sentare nkuru y’igihugu ya Rumonge yejeje kuri uwu wa kane Niyonkundiye Gilbert, umuganga yagirizwa icaha co gusambanya ku nguvu umwana w’umwigeme w’imyaka cumi n’itandatu. Uwo mwana akaba yari yagiye kumwitura nk’umugwayi kw’ivuriro ritoya rya Cabara muri zone Kigwena, komine n’intara ya Rumonge. Abitwaye bakaba bavuga ko bagiye kwunguruza urubanza.
V. Eulalie Nibizi, umuvyeyi akongera akitaho agateka k’abana, asaba k’umuyobozi w’ishure nshingiro rya Kidasha riri i Kiremba mu ntara ya Ngozi yohabwa igihano gikomeye. Uwo muyobozi yagirizwa ko yashurashuje yongera atera inda umunyeshure yiga mu wa gatandatu kuri iryo shure. Eulalie Nibizi avuga ko yishe kazoza k’uwo mwana. Ubushikiranganji bw’indero bwari bukwiye kugira ico bukoze kugira ububisha nk’ubwo butuzwe mu mashure.
VI. Abahoze ari abakozi b’ishirahamwe SOGESTAL ryo mu ntara ya Kayanza, ryahora rigura ikawa y’ibiturumbwe, barasaba kuronswa imishahara yabo y’amezi atatu, birukanywe badahembwe imbere y’uko amashirahamwe SOGESTAL ashirwa mu minwe ya leta. Abo bakozi bagasaba ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi gukurikirana ico kibazo, kuko ishirahamwe SOGESTAL ryahonyanze amategeko agenga abakozi bafise amasezerano y’ukuzokora gushika ikiringo kitazwi.