Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/07/2021

Publié le 17 juillet 2021 par Rédaction
I. Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Cibitoke bajabuka guca ingero muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo ngo barafatwa nabi n’abanyecongo babatoza amafranga kuma bariyeri (barrières) atandukanye, imbere y’uko bashika iyo bagiye. Iyo badatanze ayo mafranga bamwe muri bo barafungwa, abandi bakicwa. Bagasaba leta y’Uburundi n’iya Congo kwicarira ico kibazo.
II. Abarundi batahuka bavuye mu gihugu ca Tanzaniya mu gihe baba bamaze imisi gupagasa mu bihugu vyo mu karere, bagiriza abapolisi ba Tanzaniya hamwe n’urwaruka ruri mu mugambwe uri ku butegetsi muri ico gihugu abo bita « Banamugambo », ko babiba utwo baba babiriye akuya twose. Abo barundi basaba abategetsi b’Uburundi ku rwego rw’igihugu, kuvugana na bagenzi babo muri Tanzaniya kugira ngo izo ngorane zihagarare.
III. Hari ikiziga catowe ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika, muri komine n’intara ya Rumonge, mu gitondo co kuri uwu wa gatandatu. Amakuru ava muri iyo komine avuga ko, uwo yatowe yari umurovyi yari yazimiye kuva kw’igenekerezo rya 14. Igipolisi n’abajejwe intwaro bakaba bahashitse, baca batanga itegeko ry’uko bohamba ico kiziga cari catanguye kwononekara, nk’uko ayo makuru abandanya abivuga.
IV. Ngo ntivyumvikana ingene urubanza rw’ikibiriraho rushobora kumara hafi imyaka 5 rutaracika ngo abagirizwa bamenye urwo baciriwe. Uko niko bisigurwa n’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumusi, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Akabivuga ku bijanye n’urubanza rw’abasirikare bagirijwe kuba mu bateye ikambi ya gisirikare ya Mukoni mu ntara ya Muyinga mu mwaka wa 2017. Mu bisanzwe, ngo kuva ku mucamanza wa mbere gushika ku wa nyuma, amategeko ategekanya ko urubanza rw’ikibiriraho rutarenza imisi 45 nk’uko amategeko abitegekanya.
V. Mu kiganiro « Kw’Isôko » c’uno musi tubabwira ibijanye n’ukurwanya igiturire mu Burundi.

Ibindi bisa n'ibi