Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 19/07/2021

Publié le 19 juillet 2021 par Rédaction
I. Ikiziga c’umuntu w’umugabo azwi kw’izina rya Miburo Jonathan w’imyaka 60, atari bwubake caratowe ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana ku mutumba wa Cibari, muri komine n’intara ya Muyinga, cenena ku mugozi mu nzu kwa mukuruwe, nk’uko amakuru ava mu bajejwe aho i Cibari abimenyesha. Ikiri inyuma y’urwo rupfu rwa Miburo Jonathan kikaba kitashoboye kuja ahabona. Bamwe mu kibano kwa nyakwigendera bakavuga ko yarafise ingorane zo mu mutwe ariko ntibashobora kwerekana isano riri hagati y’ubwo bumuga n’urupfu rwiwe. Eka n’igipolisi kikaba ata na kimwe kivuga ku mvo z’urupfu rwa Miburo.
II. Ifatwa rya Nadine Kanyange rirahagaritse umutima abajejwe agateka ka muntu. Uyo mwigeme aba muri komine Mabanda, intara ya Makamba, yafatiwe aho nyene mu Mabanda mw’ijoro ryo ku wa gatanu uheze nk’isaha zitatu, nk’uko bivugwa na Pacifique Nininahazwe, umwe mu baharanira agateka ka muntu. Uwo atwara ishirahamwe FOCODE yemeza ko yabimenyeshejwe na bamwe mu ncuti z’uwo yafashwe. Kuri we igiteye amakenga n’uko n’ubu icatumye afatwa n’uburyo afunzwemwo bitaramenyeshwa abaryango biwe.
III. Pacifique Nininahazwe ariyamiriza kandi ivy’ugufata abantu bidaciye mu mategeko biguma vyibonekeza mu gihugu.
IV. Kubona prezida Ndayishimiye agabira mugenziwe wa Tanzaniya ingoma ngo ni uguhemukira ibanga n’imigirwa ijanye n’ingoma y’Uburundi isanzwe isigura inganji. Bivugwa na Jérémie Hatangimana yize ivyigwa vya kahise akaba n’umunyakaranga. Avuga ko ingoma z’Uburundi ari itunga ntagereranywa rikingiwe  ku rwego rwa ONU mu gisata ca UNESCO. Abategetsi b’Uburundi ngo nibo bari bakwiye gufata iya mbere mu gukingira iryo tunga n’ikimenyetso kidasanzwe c’Uburundi.
V. Abari barateshejwe izabo n’amazi y’ikiyaga Tanganyika yari yateye ku nkengera yaco mu ntara ya Rumonge bari bipfuza gusubira mu ngo zabo kuko amazi ariko aragabanuka. Ariko rero, abajejwe intwaro muri iyo ntara ya Rumonge ngo bakaba bababwiye ko ico gice bahora babamwo atawemerewe gusubira kucubakamwo. Abo banyagihugu bagasaba ko boronswa ibindi bibanza.
VI. Abakoresha umupaka w’i Kobero iri mu ntara ya Muyinga, ku rubibe rw’Uburundi n’igihugu ca Tanzaniya mu rudandazwa ndengambibe canke bafata izindi ngendo baja mu bihugu vy’akarere k’Afrika y’ubuseruko barashimishwa n’uko uwo mupaka wasubiriye gukora ukuri kwamye, maze abadandaza be n’izindi ngenzi ngo bakaba bishira bakizana.
VII. Ibice 37 kw’ijana vy’imitahe nivyo vyatangujwe n’amashirahamwe agera kuri 62 yaronkejwe impusha mfatakibanza zitwa Certificats temporaires d’éligibilité. Umuyobozi w’ikigo API kijejwe kworohereza abanyamitahe Désiré Musharitse, asigurako ubukene bw’imitahe bwatumwe nuko aha nini akiri mu ntango z’ibikorwa. Hari kuri uno wa mbere mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.
VIII. Umugwi wa Dynamo niwo waraye wegukanye igikombe ca basketball mw’ihiganwa ryitiriwe uwahoze arongoye Uburundi Petero Nkurunziza utsinze Urunani ku manota 65 kuri 61. Muri Volleyball, bene iryo higanwa rizosozerwa igenekerezo rya 25 za kuno kwezi. Muri Handball, naho igikombe c’igihugu cose caraye gitwawe n’umugwi w’intwari utsinze SOS ibitsindo 27 kuri 26.

Ibindi bisa n'ibi