Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/07/2021

Publié le 21 juillet 2021 par Rédaction
I. Ubutungane buracari mu kwaha kw’inzego z’umutekano mu Burundi. Umunyamabanga mukuru w’isekeza SOS Torture umushingwamanza Armel Niyongere, abivuga afatiye kw’ifungwa ry’umukenyezi Christa Kaneza haraheze amezi 7, akaba kandi amaze amezi 6 atagifise uruhusha rwo konsa umwana. Armel Niyongere yibutsa ko uyo mukenyezi yagirizwa ata cemezo cerekanywe, ko yagize uruhara mw’igandagurwa ry’umugabo wiwe Thierry Kubwimana ariko bizwi ko yagandaguwe n’inzego za Leta.
II. Umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi uratewe umutima uhagaze n’ifatwa ry’umwigeme Kanyange Nadine yafashwe kuri uyu wa gatanu uheze. Kubwa Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari amenyeshako bitangaje kubona uwo mwigeme agenda yimurwa afungirwa ahantu hatazwi, kuko ivyo biri kubiri n’amategeko y’Uburundi. Agasaba abarundi bose kuvavanura n’ingendo nk’iyo yo guhohotera kiremwa muntu mubari bajejwe gukingira umutekano.
III. Kuri uyu wa kabiri, aba Islam bo kw’isi bahimbaje umusi mukuru wa Eid Al-Adha bitirira umusi mukuru w’intama. Mu Burundi, abarongoye aba Islamu basavye abo barongoye gusangira n’abandi kuri uyu musi kugira bahe insiguro umukuru w’intama.
IV. Mu Rwanda naho aba Islam b’abarundi bahungiye i Kigali ku murwa mukuru, bavuga y’uko uyu munsi wa Eid Al-Adha batawuhimbaje neza, nk’uko bitegetswe muri iryo dini. Ni mu gihe, mu kwirinda ikiza ca COVID-19, abantu badashobora kuva mu ngo zabo ngo bahurire hamwe, basangire igisabisho n’imfungurwa. Bamwe mu ba Islam baganiriye na Radio Inzamba.
V. Mu ntara ya Gitega, abigisha batowe ngo bazobe mu bakosora ikibazo ca leta boba batowe kuri nkunzi na mwana wa mama n’uwurongoye ubuyobozi bw’indero muri iyo ntara. Ivyo bivugwa na bamwe mu bigisha ivyigwa biheza bigakorwamwo ikibazo, bavuga ko basanze batarimwo mu bazokosora ikibazo.
VI. Abakozi bakorera ku bitaro bikuru vyo mu ntara ya Muyinga baridogera umuyobozi w’ivyo bitaro Muganga Abadi Munyentwari, ko bamaze amezi arenga 4  bataronswa akarusho gafatiye Ku bikorwa barangurira muri ivyo bitaro, akarusho barekurirwa n’amategeko  nk’uko bamwe muri abo bakozi babimenyesha.
VII. Imyidogo ni yose ku banyagihugu bamwe bamwe bo ku mutumba Bukemba muri komine Bukemba mu ntara ya Rutana. Buramatari w’iyo ntara Olivier Nibitanga asanzwe avuka kuri uyo mutumba aherutse gushinga umurwi ujejwe gukurikirana inyubako zidakurikije amategeko umugwi washinzwe iruhande y’umurwi w’igihugu washizweho n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kugira ngo ukurikirane inyubako zidakurikije ibisabwa n’amategeko. Intumbero ngo kukaba ari ugushaka kwomora ababanyi biwe batafashwe n’ingingo yo kubabomorera amazu.

Ibindi bisa n'ibi