Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/07/2021

Publié le 21 juillet 2021 par Rédaction
I. Hari umunywanyi w’umugambwe CNL yasinzikarijwe ubuzima i Bugenyuzi mu ntara ya Karusi. Vyemezwa n’abandi banywanyi b’uwo mugambwe. Bakavuga ko kuva ku wa mbere akiri mu bitaro. Ayo makuru nyene avuga ko yakubiswe n’umukuru w’umutumba Muyange afatikanije n’uwurongoye urwaruka rw’imbonerakure rwa CNDD-FDD kuri uyo mutumba nyene hari ku w’Imana uheze.
II. Iruhande yuko  gukubitwa no kwicwa amashirahamwe  aharanira agateka ka muntu ari mu buhungiro yama yerekana n’ayandi mabi agirirwa abanywanyi ba CNL. Muri yo harimwo ugufatwa bidaciye mu mategeko no kunyuruzwa.
III. Kuri uyu wa gatatu abakozi b’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ONATEL bahagaritse akazi mu kiringo c’iminota igera kuri 30. Bakaba bamenyeshako mu vyo basaba harimwo agahembo kabo kangana n’umushahara w’amezi ane baheraniwe n’iryo shirahamwe.
IV. Ibanki y’isi yose hamwe n’ikigega mpuzamakungu biherutse gusohora icegeranyo gishira Uburundi mu bihugu vya mbere bikenye kw’isi kandi kirangwamwo ukurya ibiturire. Ivyegeranyo prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko bisohoka ku nyungu z’abarwanya leta baba bagomba kwambika iceyi igihugu. Agathon Rwasa umukuru w’umugambwe CNL avugako imvugo y’umukuru w’igihugu irimwo kwiyobagiza abanyagihugu bato bato bugarijwe n’ubukene butagira izina.
V. Ibarabara ryitiriwe ubuyapani riri impande y’ikiyaga Tanganyika ryuguruwe ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu. Rikaba ryari ryugawe biturutse kw’iduga ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika. Jimmy Hatungimana, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yuguruye iryo barabara, yavuze ko ibikorwa vyo kurikingira bigeze ku rugero rwiza akavuga kandi ko ibarabara bari bitije na ryo, ryari ritanguye kugeramirwa.
VI. Bamwe mu banyagihugu bafata ingendo baciye mu kiyaga Tanganyika baciye ku kivuko ca Rumonge baridoga. Bagasigura ko kuva inzira ica muri ico kiyaga yugawe, biturutse ku kiza Covid-19 badashobora gushika mu miryango yabo, haba ku ruhande rw’abafise ingo zabo mu Burundi na canke abazifise muri Congo. Basaba ko izo mbibe zokwugururwa.

Ibindi bisa n'ibi